Abaheburayo 2
2
Ntitwanjanjwe ku gakiza
1Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako. 2#Ivyak 7:38, 53; Gal 3:19.Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye, 3#Heb 10:29; 12:25.tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise, 4#Mrk 16:20; 1 Kor 12:4, 11.Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.
Ūzoganza isi izobaho
5Kukw atar’ abamarayika Imana yahaye gutwara isi izobaho, iyo tuvuga. 6Ariko har’ ah’ umuntu yashinze intahe,
at’ Umuntu n’iki ah’ umwibuka,
Cank’ umwana w’umuntu ah’ umugendera?#Zab 8:4-6.
7Wamucishije bugufi, aba musi y’abamarayika gato.
Wamwambitse ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo,
Wamuhaye kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe.
8Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe.
Kw Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kugiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we.#1 Kor 15:27. 9#Flp 2:8, 9.Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.
10 #
Rom 11:36. Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa. 11#Mrk 3:34, 35; Mat 25:40; Yoh 20:17.Kuk’ uweza n’abezwa bose bākomotse kur’ Imwe: ni co gituma atagira isoni zo kubīta bene Se,
12 #
Zab 22:22. ati Nzobarira bene Data izina ryawe,
Nzoririmba ngutazira hagati y’ishengero.
13 #
Yes 8:17, 18; 2 Sam 22:3. Kand’ ati Nzokwama ndayizigira. Kand’ at’ Ehe twe n’abana Imana yampaye.
Uko Kristo yabaye umuntu ngw acungure isi
14 #
2 Tim 1:10; Yoh 12:31; Ivyah 12:10; 1 Kor 15:56. Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi, 15kandi ngw arokore abājakariye ubgoba bg’urupfu bose, imisi yose y’ukubaho kwabo. 16#Yes 41:8, 9.Kuko tuzi neza kw abamarayika atari bo yatoye, ariko yatoye uruvyaro rwa Aburahamu. 17#Zab 22:22; Flp 2:7.Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu. 18#Heb 4:15.Kuk’ ubgiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa.
Currently Selected:
Abaheburayo 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967