YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Galatiya 6

6
Twame dukora ivyiza, ntiducobogore
1 # Mat 18:15; Yak 5:19. Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi. 2Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo. 3Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha. 4#2 Kor 13:5.Arik’ umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we. 5#Rom 14:12.Kuk’ umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.
6 # 1 Kor 9:14. Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose. 7Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura. 8#Rom 8:13; Yoh 6:63; 3:6.Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira. 9#2 Tes 3:13.Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa. 10#2 Pet 1:7.Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.
Amajambo yo guherezako
11Murābe ingene mbandikishirije ukwanje kuboko inyuguti nini‐nini. 12#Gal 5:11; Flp 3:18.Abagomba bose kwiha igikundiro ku vy’ umubiri ni bo babagōbēra gukebga; nta yindi nyanduruko, n’ukugira ngo ntibahamwe bahōrwa umusaraba wa Kristo. 13Kukw abākebge na bo nyene batitondera ivyagezwe, ariko bashaka ko mukebga, ngo birate imibiri yanyu. 14#1 Kor 1:31; 2:2.Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge. 15#Gal 5:6; 1 Kor 7:19; Flp 3:3.Kuko gukebga ata kimazi, no kudakebga nta kimazi, ikigira ikimazi n’icaremwe gisha. 16#Zab 125:5; 128:6.Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.
17 # 2 Kor 4:10. Uhereye none ntihakagire umuntu angora, kuko mfise ku mubiri inkovu za Yesu.
18Bene Data, ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen.

Currently Selected:

Ab’i Galatiya 6: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in