1
Ab’i Galatiya 6:9
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.
Compare
Explore Ab’i Galatiya 6:9
2
Ab’i Galatiya 6:10
Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.
Explore Ab’i Galatiya 6:10
3
Ab’i Galatiya 6:2
Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.
Explore Ab’i Galatiya 6:2
4
Ab’i Galatiya 6:7
Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.
Explore Ab’i Galatiya 6:7
5
Ab’i Galatiya 6:8
Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.
Explore Ab’i Galatiya 6:8
6
Ab’i Galatiya 6:1
Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.
Explore Ab’i Galatiya 6:1
7
Ab’i Galatiya 6:3-5
Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha. Arik’ umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we. Kuk’ umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.
Explore Ab’i Galatiya 6:3-5