YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Galatiya 5

5
1 # Gal 4:5, 31; Ivyak 15:10. Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.
Guhitamwo Kristo cank’ ivyagezwe
2 # 2 Kor 10:1. Umve, jewe Paulo ndababgira yuko ni mwakebga, Kristo ata co azobamarira. 3Kandi ndabarira umuntu wese akebga, mbishingiye intahe, yukw ari n’umwenda wo kwitondera ivyagezwe vyose. 4Yemwe abagomba gutsindanishirizwa n’ivyagezwe, erega muhinduye ubusa gufatana na Kristo kwanyu, muratemvye muretse ubuntu bg’Imana. 5Kuko twebge, mu buryo bga Mpwemu, twiteze ivyizigiro vy’ukugororoka, kubg’ ukwizera. 6#Gal 6:15; 1 Kor 7:19.Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo. 7Ko mwagenda neza; ni nde yabateye gutenzekanya ngo ntimwumvire ukuri? 8#Gal 1:6.Iyo nyosha ntiyavuye kur’ uwo abahamagara. 9#1 Kor 5:6.Umwambiro muke ututumbisha irobe ryose. 10#Gal 1:7; 2 Kor 11:15.Ndabizigiye kubg’ Umwami wacu yuko mutazogira uwundi mutima; arik’ ūbahagarika imitima, uw’ ari we wese, urubanza ruzomusubirako. 11#1 Kor 1:23.Ariko jewe, bene Data, namba nkibarira abantu gukebga, n’iki gituma ngihamwa? Igitsitaza c’umusaraba kiba carahindutse ubusa. 12#Zab 12:3.Icompa ababavurunga bakīkona rwose.
Umwidegemvyo wacu ukwiye kuganzwa n’urukundo
13 # 1 Pet 2:16. Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana. 14#Lew 19:18.Kukw ivyagezwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. 15Ariko ni mwashikurana, mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye.
Ubugingo bgo muri Mpwemu
16Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’ akameremere kanyu kifuza. 17#Rom 7:15, 23; Yak 4:5; 1 Pet 2:11.Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba. 18#Rom 8:14.Ariko namba murōngōrwa na Mpwemu, ntimuganzwa n’ivyagezwe. 19#1 Kor 6:9, 10.Kand’ ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’ isoni nke, 20gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, 21#Ef 5:5; Ivyah 22:15.igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana. 22#Ef 5:9.Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, 23#1 Tim 1:9.ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza. 24#Rom 6:6; Kol 3:5; 1 Pet 2:11.Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.
25 # Rom 8:4. Namba tubeshwaho na Mpwemu, tuyoborwe na Mpwemu. 26#Flp 2:3.Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.

Currently Selected:

Ab’i Galatiya 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in