Kand’ ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’ isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.