YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Galatiya 4

4
Ikitugira abana b’Imana
1Ariko mvuga yuko samuragwa, iy’ akir’ umwana, ata co atandukanako n’umugurano, nah’ ari we nyen’ ibintu vyose. 2Arikw aganzwa n’abamuzigama n’ababgiriza kugeza mu kibariro cashinzwe na se. 3#Gal 3:23; 5:1; Kol 2:20.Natwe n’uko: tukir’ abana twari tujakariye ivya mbere vyo mw isi. 4#Ef 1:10.Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe, 5#Gal 3:13, 26.ngw acungure abaganzwa n’ivyagezwe, biduheshe gucika abana bayo. 6#Rom 8:15.Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba,#4:6 Abba n’ijambo ry’Igiheburayo risobanurwa ngo Data. Data. 7#Gal 3:29; Rom 8:16, 17.Ni co gituma utakir’ umugurano, arik’ ur’ umwana wayo; kandi k’ur’ umwana wayo, ur’ umuragwa, ubihawe n’Imana.
Paulo ahanūra ab’i Galatiya ngo ntibasubire inyuma
8Arikw ico gihe, kuko mutāri muzi Imana, mwari mujakariye imana zitari zo uhereye mu kameremere kazo: 9ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha? 10#Rom 14:5; Kol 2:16.Muziririza imisi n’amezi n’ibihe n’imyaka. 11#2 Yoh 1:8.Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.
12 # 2 Kor 2:5. Ndabinginze, bene Data, mumere nkanje, kuko nanje mmeze nkamwe. Nta nabi mwangiriye, 13#Ivyak 16:6; 1 Kor 2:3.ariko murazi yukw amagara make y’umubiri ari yo yatumye mbabarira ubutumwa bgiza ubga mbere: 14#Ivyak 14:11, 12.kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu. 15None kwa kwishima kwanyu kuri hehe? Nd’ icabona canyu yukw iyo biba vyarashobotse, muba mwaremeye kwinogora amaso, mukayampa. 16#Am 5:10.Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri? 17#Gal 1:7.Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bgiza; arikw ico bagomba n’ukubazigira hanze, kugira ngo namwe mubagirire ishaka. 18Mugabo, ni vyiza kugirira ivyiza ishaka ibihe vyose, atar’ igihe turi kumwe gusa, 19#1 Kor 4:15.bana banje bato, abo nongera kuramukwa, gushitsa ah’ ishusho ya Kristo izoremerwa muri mwebge. 20Kandi nagomba gushikīrana namwe aka kanya, no kworosha ijwi, kukw ivyanyu binzazaniye.
Ivy’ abahungu babiri
21 # Gal 3:23. Mwebge abagomba kuganzwa n’ivyagezwe, ni mumbarire: mbega ntimwumva ivyagezwe? 22#Ita 16:15; 21:2, 9.Kuko vyanditswe yuko Aburahamu yar’ afise abahungu babiri, umwe ar’ uwo ku ncoreke, uwundi ar’ uwo ku mugore bgite. 23#Rom 9:7-9; Ita 17:16.Uwo ku ncoreke yavyawe mu buryo bg’umubiri; uwo ku mugore bgite yavyawe kubg’ isezerano. 24#Gal 5:1; Rom 8:15.Ivyo ni nk’umugani. Kukw abo bagore ari nk’amasezerano abiri, rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivyara abo kuguma mu buja, iryo ni Hagari. 25Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo. 26#Heb 12:22.Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese. 27Kuko handitswe,
ngo Nezerwa, yewe mugore w’ingumba utavyara,
Turika, usemerere, wewe utaramukwa,
Kukw abana b’intābga ari benshi, baruta ab’ ūfise umugabo.#Yes 54:1.
28Namwe bene Data, mur’ abana b’isezerano, nk’uko Isaka yar’ ari. 29#Ita 21:9.Ariko nk’ukw ico gihe uwavyawe mu buryo bg’umubiri yahama uwavyawe mu buryo bga Mpwemu, na none ni ko biri. 30#Ita 21:10, 12; Yoh 8:35.Ivyanditswe bivuga iki? Bit’ Irukana incoreke n’umwana wayo, kuk’ umwana w’incoreke atazoraganwa n’umwana w’umugore bgite. 31#Gal 3:29.Nuko bene Data, ntitur’ abana b’incoreke, tur’ aba wa mugore bgite.

Currently Selected:

Ab’i Galatiya 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in