1
Ab’i Galatiya 4:6-7
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data. Ni co gituma utakir’ umugurano, arik’ ur’ umwana wayo; kandi k’ur’ umwana wayo, ur’ umuragwa, ubihawe n’Imana.
Compare
Explore Ab’i Galatiya 4:6-7
2
Ab’i Galatiya 4:4-5
Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe, ngw acungure abaganzwa n’ivyagezwe, biduheshe gucika abana bayo.
Explore Ab’i Galatiya 4:4-5
3
Ab’i Galatiya 4:9
ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?
Explore Ab’i Galatiya 4:9