YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Galatiya 1

1
Indamukanyo
1 # Gal 1:11, 12. Paulo, intumwa itātumwe n’abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye, 2mfatanije na bene Data turi kumwe bose kubandikira, abo mu mashengero y’i Galatiya. 3#Rom 1:7.Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Yesu Kristo, 4#Gal 2:20; 1 Tim 2:6; Tit 2:14; 1 Yoh 5:19.yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese. 5Icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.
Paulo atangazwa n’ukw ab’i Galatiya bāretse ubutumwa bg’ukuri
6Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye kubg’ ubuntu bga Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubgo, 7#Ivyak 15:1, 24.kand’ ata bundi buriho; ariko harih’ abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bga Kristo. 8#1 Kor 16:22.Ariko naho yoba ari twebge cank’ umumarayika avuye mw ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo twababariye, arakavumwa. 9Nk’uko twāvuze ubga mbere, na none nongeye kubivuga, nti Ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo mwemeye, arakavumwa.
10 # 1 Tes 2:4. Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.
Ubutumwa Paulo yavuze yabuhawe na Kristo
11Ku vy’ ubutumwa navuze, ndabamenyesha bene Data, yukw atar’ ubg’ abantu: 12kuko nanje ntābuhawe n’umuntu, kandi sinabgigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye. 13#Ivyak 26:4-20.Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw idini y’Abayuda, ingene nahīga ishengero ry’Imana birengereje, nkaritikiza. 14#Ivyak 22:3.Kandi mu bgoko bgacu narushije benshi bo mu bo twārukanye kuja imbere mw idini y’Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry’imigenzo twārazwe na ba sogokuruza. 15#Rom 1:1; Yer 1:5; Yes 49:1.Arikw aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara kubg’ ubuntu bgayo, 16#Gal 2:7; Mat 16:17.guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bgiwe bgiza mu banyamahanga, ako kanya sinagishije inama abafise inyama n’amaraso, 17kandi sinadūze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.
18 # Ivyak 9:26. Maz’ imyaka itatu ishize ndūga i Yerusalemu kwibonanira na Kefa, mmara i we imisi cumi n’itanu. 19#Mat 13:55.Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu. 20Ku vyo mbandikiye, ehe nd’imbere y’Imana, simbesha. 21#Ivyak 9:30.Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya. 22Abo mu mashengero y’i Yudaya yo muri Kristo ntibāribgankubite ijisho, 23ariko bumva gusa abamvuga, bat’ Umwe yahora aduhīga mbere, ubu asigaye yamamaza ivyizerwa yatikiza kera; 24nuko bahimbaza Imana kubganje.

Currently Selected:

Ab’i Galatiya 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in