YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Galatiya 2

2
Paulo avuga ingene yemewe n’ab’i Yerusalemu kw ar’ intumwa
1 # Ivyak 15:2. Maze hahise imyaka cumi n’ine, nongera kudūgana na Barunaba, kandi na Tito ndamujana. 2#Gal 2:6, 9.Kandi nadūzeyo kubgo guhishurirwa, mbashira imbere ubutumwa bgiza mvuga mu banyamahanga, ariko mbushira imbere y’abashimwa twiherereye, ngo sinirukire ubusa, canke simbe narirukiye ubusa. 3#Ivyak 16:3.Ariko na Tito twari kumwe ntiyagōberewe ngw akebge, naho yar’ Umugiriki, 4#Ivyak 15:1, 24.kand’ ari co coshimishije abīgira bene Data bānyegetejwe mw ishengero, binjiye mu mpisho ngo batate ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja. 5#Gal 3:1.Abo ntitwabumviye na gatoya ngo tuganzwe na bo; kugira ng’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kugume muri mwebge. 6Arikw abashimwa kw ari bakuru — uko bari bameze ubga mbere simbibabaye, kubganje vyose ni bimwe, Imana ntirobanura abantu ku cubahiro — abo bashimwa nta co bānyongerereje. 7#Ivyak 9:15; 15:12; 22:21.Ariko babonye yuko najejwe ubutumwa bgo kwigisha abatākebge, nk’uko Petero yajejwe ubgo kwigisha abākebge. 8Kukw Iyashoboje Petero gutumwa ku bākebge, ari yo yanshoboje nanje gutumwa ku banyamahanga. 9#Yoh 1:42.Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge. 10#Ivyak 11:30; 12:25.Arikw ico bāgomvye gusa n’uko twibuka aboro, ari co nyene nanje nari nsanzwe mfitiye umwete.
Avuga uko yahāririje Petero
11Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, mmugisha impāri imbonankubone, kuko yari n’ibimutsindishije. 12#Ivyak 11:3.Kukw abāvuye kwa Yakobo batarashikayo yasangira n’abanyamahanga; ariko bashitseyo, ariyonjorora, arabanēna, kukw atinye abo mu bākebge. 13Kandi n’abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n’ubgo buhumvyi bgabo. 14Ariko mbonye badaca mu nzira igororotse, nk’uk’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose, nti Ko wewe witondera ingeso z’abanyamahanga, zitar’ iz’ Abayuda, kand’ ur’ Umuyuda, ugōbēra ute abanyamahanga kuba nk’Abayuda?
Ubugingo bushasha buzanwa n’ukwizera
15Twebge mu kameremere kacu tur’ Abayuda, ntitur’ abanyavyaha bo mu banyamahanga. 16#Ivyak 15:10, 11; Ef 2:8; Rom 3:20, 28; 4:5; 11:6; Zab 143:2.Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe. 17Ariko namba twabonetse ko tur’ abanyavyaha, hamwe twarondera gutsindanishirizwa no kuba muri Kristo, mbega Kristo n’umukozi agabura icaha? Eka na mba! 18Nokwongera kwubaka ivyo nasambuye noba niseruye ko nd’umuntu acumura. 19#Rom 7:6.Ivyagezwe vyanteye gupfa ku vyagezwe, ngo mbeho ku Mana. 20#Yoh 13:1; 17:23; 1 Yoh 3:16; Gal 1:4.Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura. 21Simpindura ubusa ubuntu bg’Imana, kukw asangw’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, Kristo azoba yapfiriye ubusa.

Currently Selected:

Ab’i Galatiya 2: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in