YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 13

13
Paulo ahanūra abācumuye ngo bisuzume
1 # Gus 19:15; Mat 18:16; 1 Tim 5:19. Ubu bugira bube ubga gatatu nza i wanyu. Ijambo ryose rizoringanizwa bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu. 2Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntar’ iyo ni ko mbivuga bitaraba, mbarira abācumuye kera n’abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe: 3kuko murondera ikimenyetso co kwerekana yuko Kristo ari we amvugisha, umwe atar’ umunyantege nke kuri mwebge, arikw agira ubushobozi hagati yanyu. 4#Flp 2:7, 8.Kukw intege nke zāteye kw abambga, ariko non’ ariho kubg’ ubushobozi bg’Imana. Natwe tur’ abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubg’ ubushobozi bg’Imana tubereyeho mwebge.
5 # 1 Kor 11:28. Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwirāba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge? — shiti kumbure mur’ abāhinyuwe! 6Ariko nizigiye yuko muzomenya ko tweho tutar’ abāhinyuwe. 7Kandi turasaba Imana ngo ntimugire ikibi mukora, s’ukugira ngo tuboneke ko tur’ abemewe, ariko n’ukugira ngo mukore iciza, natwe tuboneke nk’abahinyuwe. 8#1 Kor 13:6.Kuko tudashobora kurwanya ukuri, ariko duherereye mu ruhande rw’ukuri. 9Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi: kand’ ico dusaba ngiki, n’uko mutunganywa rwose. 10#2 Kor 2:3; 10:8, 11.Ni co gitumye mbandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe noye kuzohambara, nk’uko nahawe ububasha n’Umwami wacu bgo kwubaka, ariko s’ubgo gusambura.
Intasho
11 # Flp 4:4; Rom 15:33. Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe. 12#1 Kor 16:20.Muramukanishe kugumbirana kwera.
13Abera bose barabaganūtsa.
14Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 13: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in