YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 33

33
Uhoraho yanka kujana n’ Abisirayeli
1 # Ita 35:12. Uhoraho abarira Mose, ati N’ugende, uve ino, mwe n’ abantu wakūye mu gihugu ca Egiputa, mudūge muje mu gihugu narahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo ko nzogiha uruvyaro rwabo. 2#Kuv 23:23, 28.Nanje ndarungika umumarayika abaje imbere, kandi nzocirukanamw’ Abanyakanani, n’ Abamori, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi: 3#Guh 16:21, 45.muje mur’ ico gihugu gitemba amata n’ ubūki. Ariko jeho sindūgana namwe, ngo ngendere hagati muri mwebge; kuko mur’ ihanga ritagonda izosi: nohava mbatikiriza mu nzira.
4 # 2 Sam 19:24. Abantu bumvise iyo nkuru mbi bagira umubabaro, ntihaba hakigira umuntu yambara utugenegene twiwe two gushaza. 5Uhoraho abarira Mose, ati Barira Abisirayeli, uti Mur’ ihanga ritagonda izosi; uti Yogendera hagati muri mwebge n’akanya isase, yobatikiza: uti Nuko rero ni mwiyambure utugenegene twanyu two gushaza, kugira ngw amenye ukw abagirira. 6Nukw Abisirayeli biyambura utugenegene twabo, uhereye bakiva ku musozi Horebu, no mu rundi rugendo rwabo rwose.
Ihema ryo kubonaniramwo n’Imana
7 # Kuv 25:22; 29:42, 43. Mose yajana ihema, akarishinga hirya y’aho bashagaje, ahītāngūye, yaryita ihema ry’ibonaniro. Uwagomba gusigūza Uhoraho wese yava aho bashagaje, akaja kw ihema ry’ibonaniro hirya yaho. 8Kand’ uko Mose yava aho bashagaje, agiye kur’ iryo hema, abantu bose bāva hasi, umuntu wese agahagarara ku muryango w’ihema ryiwe, bakamukurikiza amaso, gushitsa aho yinjiriye mur’ iryo hema. 9#Kuv 13:21; Zab 99:7.Mose yamara kwinjira mw ihema, ya nkingi y’igicu ikamanuka, igahagarara ku muryango waryo: Uhoraho akagānīra na Mose. 10Abantu bose bakabona iyo nkingi y’igicu ihagaze ku muryango w’iryo hema, bakava hasi, umuntu wese agasenga ari ku muryango w’ihema ryiwe. 11#Guh 12:8; Gus 34:10.Uhoraho akīgānīrira na Mose imbonankubone, nk’uk’ umuntu agānīra na mugenzi we. Maze Mose agasubira aho bashagaje; arik’ umufasha wiwe, Yosuwa mwene Nuni, w’umusore, ntiyava kur’ iryo hema.
Mose yerekwa ubgiza bg’Uhoraho
12Maze Mose abgira Uhoraho, ati Rāba, wambariye ngo Dūgana abo bantu, ariko ntiwammenyesha uwo udutumanye. Yamara waravuze, uti Ndakuzi izina, kandi wagiriwe ubuntu imbere yanje. 13#Gus 9:26; Zab 27:11.None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe: kandi wibuke yukw iryo hanga ar’ iryawe. 14#Kuv 40:34-38; Yos 21:44; Yes 63:9.Aramwishura, at’ Ubganje nzokwijanira namwe, mbashikane amahoro. 15Mose aramwishura, at’ Ubgawe n’utajana natwe, ntudukūre ino. 16#Kuv 19:5, 6; Guh 14:14; 1 Abam 8:53.None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?
17Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina. 18#1 Tim 6:16.Mose aramwishura, ati Ndakwinginze, nyereka ubgiza bgawe. 19#Rom 9:15.Uhoraho aramwishura, at’ Ukugira neza kwanje kwose nzogucisha imbere yawe, nivuge mw izina ko nd’ Uhoraho nd’ imbere yawe; kandi nzogirira ubuntu uwo nzobugirira, ngirire n’ikigongwe uwo nzokigirira. 20#Ita 32:20; Kuv 24:10; Abac 13:22; Yes 6:5; Ivyah 1:16.Kand’ ati Ntiworāba mu nyonga hanje: kuk’ umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho. 21Uhoraho arongera aravuga, at’ Ehe rāba, harih’ ahantu hafi yanje, nawe uz’ uhagarare ku gitandara; 22maz’ ubgiza bganje bukiriko buraguca i ruhande, nzogushira mur’ ico gitandara, ahameze nk’igihoro, ngukingirize urushi rwanje, gushitsa aho nzoba ndēngāniye, 23mpeze nkūreh’ urushi rwanje, urābe mu bitugu vyanje: ariko mu nyonga hanje ntihashobora kuboneka.

Currently Selected:

Kuvayo 33: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in