Kuvayo 34
34
Mose abāza ibindi bisate vy’ivyagezwe
1 #
Kuv 32:19; Gus 10:1, 2. Uhoraho abarira Mose, ati Wībāzire ibisate vy’amabuye bibiri bisa n’ivya mbere: nanje nzokwandika kur’ ivyo bisate amajambo yari ku vya mbere wamennye. 2Ejo mu gatondo buce witeguye, uz’ udūge umusozi Sinayi mu gatondo, urenguke imbere yanje ku gatwe k’uwo musozi. 3Ntihaze hagire umuntu mudūgana, canke ngo hagire umuntu n’umwe azoboneka kur’ uwo musozi wose, kandi ntihaze hagire imikuku cank’ amasho birisha hafi yawo. 4Nuko Mose abāza ibisate vy’amabuye bibiri bisa n’ivya mbere, azinduka kare mu gatondo, adūga uwo musozi Sinayi, nk’uk’ Uhoraho yamubariye, atwaye vya bisate vy’ amabuye vyompi mu minwe.
5 #
Kuv 33:19; Guh 11:25. Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu, yivuga izina kw ar’ Uhoraho. 6#Neh 9:17; Zab 86:15; Yow 2:13; Rom 2:4.Uhoraho aca imbere yiwe, arīvuga, ati Nd’ Uhoraho, nd’ Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd’ umwizigirwa, 7#Kuv 20:5, 6; Yos 24:19; Yob 10:14; Yer 32:18; Nah 1:3; 1 Yoh 1:9.nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ ivyaha, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku buzukuru no ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.
8Ako kanya Mose aca yunamika umutwe, arasenga. 9#Zab 33:12; 94:14.Aravuga, ati Mwami, namba ngiriwe ubuntu imbere yawe, none ndakwinginze Mwami, n’ugendere hagati muri twebge, nah’ ar’ ihanga ritagonda izosi; uharire ibigabitanyo vyacu n’ibicumuro vyacu, wemere kuduhindura ishamvu yawe. 10#Gus 4:32-35; 10:21; Zab 77:14; 145:6; Yes 64:3.Uhoraho aramwishura, ati Rāba, ndasezerana isezerano: nzokorera ibitangaza imbere y’ihanga ryanyu ryose, bitigeze gukorwa mw isi yose canke mu rindi hanga na rimwe; abantu bose urimwo bazobona igikorwa nzokora, kuko nzogukoresha ibiteye ubgoba. 11#Kuv 33:2.Uz’ uhore witondera ivyo nkugera uyu musi: rāba, nzokwirukana Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, babave imbere. 12#Kuv 23:32, 33.Muze mwirinde, ntimuze musezerane isezerano n’ abari mur’ ico gihugu mugiyemwo, ntibize bihave bibabera umutego hagati muri mwebge; 13#Gus 7:5; 2 Abam 18:4.ariko muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, mutemagure inkingi bāshingiye Ashera; 14#Kuv 20:3, 5.kuko mudakwiye kugira iyindi mana musenga na mba: kuko jewe Uhoraho, izina ryanje nd’ Inyefūhe, nd’ Imana ifūha. 15#Guh 25:1, 2; 1 Kor 8:4, 7, 10; 10:27.Ntimuze mugire isezerano musezerana n’abari mur’ ico gihugu, kugira ngo, igihe bazohurumbira ibigirwamana vyabo nk’ ibimaka, bakabiha ibimazi, ntihaze hagire ūbatumira, ngo murye ku kimazi ciwe; 16#Gus 7:3, 4; 1 Abam 11:2.mugahava musaba abageni babo mukabaha abahungu banyu, abo bakobga babo bagahava bahurumbira ibigirwamana vyabo mu bumaka bgabo, bagakwegera abahungu banyu, na bo bagahinduka ibimaka vyavyo. 17#Lew 19:4.Ntimuze mwironderere ibigirwamana mubivugutiye mu nkero.
18 #
Kuv 12:15; 13:4. Muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kuk’ ukwezi Abibu ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa. 19#Kuv 13:2; Luk 2:23.Icitwa ubuzibūra cose n’icanje: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose co mu vyo mutunze, ari mu nka canke mu ntama. 20#Kuv 13:13; 23:15; Gus 16:16.Kand’ icana c’indogoba c’uburiza muze mugicunguze umwagazi w’intama; na ho ni mutāgomba kugicungura, muze mukivune izosi; kand’ imfura yose y’umuhungu yo mu bana banyu muze muyicungure. Kandi ntihaze hagire ūza iminwe misa imbere yanje. 21#Kuv 20:9; Gus 5:13.Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa, ariko ku musi ugira indwi muze muruhūke; no mw irima no mw iyimbura muze mwame muwuruhūkako. 22#Kuv 23:16.Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka. 23#Kuv 23:17.Haze harenguke uwitwa umuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, gatatu‐gatatu mu mwaka. 24#Gus 7:1; 19:8; Zab 78:55; 80:8; Imig 16:7.Kuko nzokwirukana amahanga agahunga imbere yanyu, ngasunika hirya imbibe zanyu; kandi nta wuzokebēra igihugu canyu, igihe muzodūga gatatu‐gatatu mu mwaka, murengutse imbere yanje, Uhoraho Imana yanyu. 25#Kuv 12:10; 23:18.Amaraso y’ikimazi mpawe ntimuze muyahēreze hamwe n’imitsima yambiwe; ikimazi gitanzwe ku musi mukuru wa Pasika ntikize kirāre ngo gishitse mu gitondo. 26#Kuv 23:19; Imig 3:9.Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’ imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’ impene amata ya nyina.
27 #
Kuv 34:10. Uhoraho abarira Mose, at’ Andika ayo majambo: kukw isezerano nsezeranye nawe n’Abisirayeli rihagaze kur’ ayo majambo. 28#Kuv 34:1; Gus 10:2, 4.Amara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine ari kumwe n’Uhoraho aho hantu, ata co kurya atamira, ata n’amazi anywa. Uhoraho yandika kuri vya bisate amajambo y’isezerano, ni yo vya vyagezwe, ukw ar’ icumi.
Mose akayangana mu maso
29 #
Mat 17:2; 2 Kor 3:7. Mose amanuka uwo musozi Sinayi, afise mu minwe vya bisate vyompi birikw Ibishinga intahe; kand’ aho yamanuka uwo musozi ntiyar’ azi yuko mu maso hiwe haca ibibatsi kubg’ Uwo bāhora bakebukana. 30Aroni n’ Abisirayeli bose babonye Mose, basanga mu maso hiwe haca ibibatsi; batinya kumwēgēra. 31Nuko Mose arabahamagara; maze Aroni n’abakuru b’ikoraniro bagaruka kuri we, Mose ababgira amajambo. 32#Kuv 24:3.Hanyuma Abisirayeli bose na bo baramwegera, abashikiriza ivyagezwe vyose, ivyo Uhoraho yamubaririye ku musozi Sinayi. 33#2 Kor 3:13.Mose amaze kubibabarira, yitwikira mu maso. 34Arikw iyo yinjiye imbere y’ Uhoraho ngw abonane na we, yakūra uwo mwitwikiro gushitsa asohotse; amaze gusohoka agashikiriza Abisirayeli ivyo abariwe; 35Abisirayeli bakabona mu maso ha Mose haca ibibatsi; Mose akīsubizako wa mwitwikiro, gushitsa yongeye kwinjira ngw abonane n’Uhoraho.
Currently Selected:
Kuvayo 34: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967