None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?
Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina.