YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 23

23
Ivyagezwe vyo guca imanza, n’ ibindi bindi
1 # Gus 19:16-19; 1 Abam 21:10; Mat 26:59-61; Ivyak 6:11. Ntimuze mwāmāmaze inkuru z’ibinyoma; ntihaze hagire uwifatanya n’ikigāba kuba icabona c’ibinyoma. 2#Kuv 32:1, 2; Yob 31:34; Mat 27:24, 26; Luk 23:23.Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kand’ ūshinga intahe mu manza, ntaz’ aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza; 3#Lew 19:15.kandi ntimuze mutsindanishirize umuntu mubitewe n’ukw ar’ umworo.
4 # Gus 22:1, 4; 1 Tes 5:15. Ni hagira ūhūra n’inka y’ umwansi wiwe izimiye, cank’ indogoba yiwe, ntaz’ abure kuyimugarurira. 5Kandi hagize ūbona indogoba y’ūmwanka ifyāritswe n’umutwaro, ntapfe kumurengana, akwiye kumufasha kuyiremurura.
6 # Yes 10:1, 2. Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umworo wo mu b’i wanyu. 7#Lew 19:11; Imig 17:26; Ef 4:25.Mwitandukanye n’urubanza rw’ibinyoma, kandi ntihakagire uwo mwica atācumuye kand’ ar’ umugororotsi, kuko jewe ntazotsindanishiriza uwacumuye. 8#Gus 16:19.Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ ababona, kand’ igoreka imanza z’ abagororotsi.
9 # Kuv 22:21. Ntimuze muhahaze umunyamahanga, kuko muzi umutima w’ umunyamahanga, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.
Ivyagezwe vyo ku vy’indimiro n’ivy’ imisi mikuru
10 # Lew 25:3. Mu myaka itandatu mwame murima indimiro zanyu, mwimbure ivyimburwa vyazo; 11arik’ umwaka ugira indwi muzireke zirāre, zibe imisito, kugira ngw abakene bo mu bgoko bganyu barye ivyimeza, maz’ uduhūmbga basize turibge n’ibikōko vyo ku misozi. N’uruzabibu rwanyu n’ibiti vyanyu vy’imyelayo abe ari ko muzobigenza. 12#Kuv 20:9, 10.Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa vyanyu, maze ku musi ugira indwi muze muruhuke, kugira ngw inka zanyu n’indogoba zanyu mukoresha na zo zibone kuruhuka, n’abana b’abaguranokazi banyu n’ab’ akavantara bari muri mwebge babone guta akuya. 13#Yos 23:7; Hos 2:17.Kand’ ivyo nababgiye vyose muze muvyitondere; ntimukagire amazina y’izindi mana muvuga, ntakumvikane mu kanwa kanyu.
14 # Kuv 12:15; 13:4; Gus 16:16. Muze mungirire imisi mikuru gatatu‐gatatu mu mwaka: 15muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje. 16#Kuv 34:22.Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka. 17Nuko haze harenguke izinamuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, gatatu‐gatatu mu mwaka.
18 # Kuv 34:25. Amaraso y’ikimazi nshikaniwe ntimuze muyahēreze hamwe n’ imitsima yambiwe; ibinure vy’ icābāzwe ku musi wanje mukuru ntibize birāre ngo bishitse mu gatondo. 19#Kuv 34:26; Gus 26:2, 10.Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina.
Imana isezeranira Abisirayeli kubarōngōra
20 # Kuv 32:34; Yos 24:19; Zab 78:40, 56. Ehe ngira ntume umumarayika imbere yanyu, abazigame mu nzira, abashikane aho nateguye. 21Muze mumwubahe, mumwumvire, ntimuze mumugararize, kukw atazobaharira ibicumuro vyanyu, kukw izina ryanje riri muri we. 22#Ita 12:3.Ariko ni mwamwumvira vy’ukuri, mugakora ivyo nzovuga vyose, nanje nzoba umwansi w’abansi banyu, nzoba umurwanizi w’ababarwanya. 23#Kuv 33:2; Gus 7:1.Kuk’ uwo mumarayika wanje azoja imbere yanyu, gushitsa no mu Bamori, no mu Baheti, no mu Baferizi, no mu Banyakanani, no mu Bahiwi, no mu Bayebusi, nanje nzogenda ndabarandura. 24#Kuv 20:5; 34:13; Lew 18:3.Kandi ntimukikubite imbere y’ibigirwamana vyabo, canke ngo mubisabe, canke ngo mwīgāne ingeso zabo: ariko muze mubihenebereze rwose, mumenagure amabuye yavyo bāshinze kw inkingi. 25#Gus 6:13; 7:13, 15.Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge. 26#Gus 7:14; Yob 5:26.Mu gihugu canyu nta wuzokorokesha inda, nta wuzoba intavyara: ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka. 27#Gus 2:25; 7:23.Nzotuma igitinyiro canje kibītangire imbere, nce ivutu abantu bose muzoshikamwo, ntume abansi banyu babaha ibitugu, babahunge. 28#Gus 7:20.Nzogomora amavubi abītangire imbere, yirukane Abahiwi n’Abanyakanani n’Abaheti imbere yanyu. 29#Gus 7:22.Sinzogīrako ngo mbirukane imbere yanyu mu mwaka umwe, kugira ngw igihugu coye guhinduka amatongo, ibikōko vyo mw ishamba bikagwira bikabatera. 30Ariko nzobirukana imbere yanyu si ruto si ruto, gushitsa aho muzogwirira, mukegukira ico gihugu. 31#Gus 11:24; Yos 21:44.Nzobashirirah’ urugabano guhēra ku Kiyaga Gitukura gushitsa ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhēra ku bugaragwa gushitsa ku ruzi Efurate; kukw ababa mur’ ico gihugu nzobashira mu maboko yanyu, mubirukane. 32#Kuv 34:12, 15; Gus 7:2, 16; Zab 106:36.Ntimuze mugire isezerano musezerana na bo, canke n’imana zabo. 33Ntibaze bakomeze kuba mu gihugu canyu, kugira ngo ntibaze babacumuze kuri jewe; kuko muramutse musavye imana zabo bitobura kubabera umutego.

Currently Selected:

Kuvayo 23: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in