Kuvayo 24
24
Uhoraho akomeza isezerano ryiwe n’Abisirayeli
1 #
Kuv 6:23; Guh 11:16. Uhoraho abarira Mose, ati Dūga aho ndi, mwe na Aroni na Nadabu na Abihu, n’abakuru bo mu Bisirayeli mirongwirindwi, musenge mukiri kure: 2Mose abe ari we yīgira hafi yanje wenyene, arikw abo bari kumwe ntibanyegēre, cank’ abandi bantu ngo badūgane na we.
3 #
Kuv 19:8; 21:1. Mose araza, abgira abantu amajambo yose y’Uhoraho n’ amabgirizwa yiwe yose: abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora. 4#Ita 28:18; 31:45; Gus 31:9.Nuko Mose yandika amajambo yose y’Uhoraho, maze bukeye akoroka kare, yubaka igicaniro musi y’uwo musozi, ashinga inkingi z’amabuye cumi na zibiri, nk’ukw imiryango y’Abisirayeli ari cumi n’ibiri. 5Atuma imisore yo mu Bisirayeli ija gutanga ibimazi, iravyosa, no kubāgira Uhoraho amashuri y’imikangara kw ibimazi vy’ishimwe. 6#Heb 9:18.Mose yābīra igice ca kabiri c’amaraso, agisuka mu nzavya, ikindi na co akimija ku gicaniro. 7Araheza yābīra igitabo c’isezerano, agisomera abantu; baramubarira, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora, kandi tuzomwumvira. 8#Mat 26:28; Mrk 14:24; Heb 9:19, 20; 1 Pet 1:2.Maze Mose yābīra ya maraso, ayamija abantu, arababarira, ati Ngayo amaraso y’isezerano Uhoraho asezeranye namwe, nk’ukw ayo majambo yose ari.
Uhoraho yiyereka Mose na bagenzi be
9Maze Mose adūgana na Aroni na Nadabu na Abihu, na ba bakuru b’Abisirayeli mirongwirindwi: 10#Ita 32:30; Kuv 3:6; 33:20, 23; Yes 6:1, 5; Ezk 1:26; 10:1; Yoh 1:18; 1 Tim 6:16; 1 Yoh 4:12.babona Imana y’ Abisirayeli; musi y’ibirenge vyayo hameze nk’umusezero w’amabuye yitwa safiro, usa n’ijuru ubgaryo iyo ryiharanguye. 11Kandi ba bakuru b’Abisirayeli ntihagira ico ibagira; nuko bīrābira Imana, bararya, baranywa.
Uhoraho yongera guhamagara Mose ngw adūge uwo musozi
12 #
Kuv 31:18; 32:15, 16; Gus 9:10, 11; 2 Kor 3:3. Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe. 13Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe, adūga ku musozi w’Imana. 14Abarira ba bakuru, ati Muturorērere hano, mushitse aho tuzogarukira aho muri; kandi rāba, musigaranye Aroni na Huri; ni hagira ūpfa ikintu n’uwundi, az’ aze kuri bo, yitware.
15 #
Kuv 19:9, 16; Mat 17:5. Nuko Mose adūga kur’ uwo musozi, ca gicu c’igipfungu kirawutwīkīra. 16#Kuv 16:10; Guh 14:10; 16:42.Ubgiza bg’Uhoraho buguma kur’ uwo musozi Sinayi, ico gipfungu kiwutwīkīra imisi itandatu; ku musi ugira indwi, Uhoraho ahamagara Mose n’ijwi rirenga ari mur’ ico gicu c’igipfungu. 17#Kuv 3:2; Gus 4:36; Heb 12:18, 29.Ishusho y’ubgiza bg’Uhoraho, Abisirayeli bayibona isa n’umuriro utōngōra, ku gatwe k’uyo musozi. 18#Kuv 34:28.Nuko Mose adwēbēra hagati mur’ ico gipfungu, adūga kur’ uwo musozi; awumarakw imisi mirongwine n’amajoro mirongwine.
Currently Selected:
Kuvayo 24: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967