Kuvayo 22
22
Ivyagezwe vyo ku bisuma, n’ ibindi bindi
1 #
2 Sam 12:6; Luk 19:8. Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine. 2Umusuma ni basanga amena, bakamutsindaho, uwamwishe amaraso yiwe ntaz’ amukore. 3#Kuv 21:2; Mat 18:25.Arik’ ūzomwica izuba rirashe, amaraso yiwe azomukora. Umusuma akwiye kuriha; na ho ni yaba adafise ico ariha, agurwe ahōrwa ubusuma bgiwe. 4Ni yaramuka afatanywe inyibano ikibona, ar’ inka cank’ indogoba cank’ intama, az’ ayitangane n’iyindi y’imperekeza.
5Umuntu ni yōnēsha umurima cank’ imizabibu, akareka ico atunze kikōna umurima w’uwundi, az’ amurihe ku murima wiwe ibirusha ibindi kuba vyiza, canke ku mizabibu yiwe irusha iyindi kuba myiza.
6Umuriro ni waccroka, ugafata uruzitiro rw’amahwa, ukarandagata, hagasha imikama y’ ingano, cank’ izigihagaze, cank’ umurima wose, uwacanye uwo muriro ntaz’ abure kubiriha.
7Umuntu ni yabītsa mugenzi we amahera cank’ ibindi bintu, bikībirwa i we, uwavyivye ni yaboneka az’ arihe ibingana na vyo kabiri. 8#Kuv 21:6; Gus 25:1.Uwavyivye n’ataboneka, nyen’ urwo rugo aze imbere y’ Imana, kugira ngo bamurahize kw atākojeje ukuboko ku bintu vya mugenzi we. 9Mu vyo kugungana vyose, naho yoba inka, cank’ indogoba, cank’ intama, cank’ impuzu, cank’ ikindi kintu cose cazimiye, umuntu akagifata, akavuga, ati Ngiki! urubanza rw’ abo bompi rujanwe ku Mana, uwo Imana izocira urubanza kw’ atsinzwe, az’ arihe uwo wundi ikingana na co kabiri.
10Umuntu ni yabītsa mugenzi we indogoba cank’ inka cank’ intama cank’ ikindi gitungwa cose, kigapfa canke kikavunika canke kikanyagwa, ata muntu abibona; 11#Heb 6:16.indahiro aja kurahira izina ry’ Uhoraho iz’ abe ari yo ibarangiriza, yukw atākojeje ukuboko ku bintu vya mugenzi we; nyene vyo ayemere, uwo ntārinde kumuriha. 12#Ita 31:39.Ariko ni hagira icībirwa i we, az’ akirihe nyene co. 13Na ho ni catabagurwa n’igikōko, azane ikirangara kibishingira intahe; ntārinde kuriha iyatabaguwe.
14Canke ni hagira igitungano umuntu atīra mugenzi we, kikavunika canke kigapfa, nyene co atari ho ari, uwo ntaz’ abure kukiriha. 15Ariko nyene co ni yahaba, uwo ntaz’ akirihe, ni yaba yagitanze ku mpēra, iyo mpēra nyene izoba ibaye indihano.
16 #
Gus 22:28, 29. Umuntu ni yahendagiza umwigeme ataribgasabge, akaryamana na we, ntaz’ abure kumukwa ngw abe umugore wiwe. 17Ariko se ni yanka kumumushingira, na ho nyene atange inkwano nk’uko bahora bakwa abandi bigeme.
18 #
Lew 20:27; 1 Sam 28:3, 9. Umurozikazi ntimuze mumureke ngw abeho.
19 #
Lew 20:15, 16. Ūzoryamana n’igitungano ntaz’ abure kwicwa.
20 #
Gus 13:1-15; 17:2-5. Ūzotanga ikimazi, akagiha iyindi mana, atari jewe Uhoraho jenyene, az’ arandurwe rwose.
21 #
Lew 19:33, 34; Gus 10:18, 19; Mal 3:5. Umunyamahanga ntimuze mumugirire nabi, canke ngo mumuhahaze, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa. 22#Gus 24:17; Yes 1:17, 23; Zek 7:10.Ntihaze hagire umupfakazi cank’ impfuvyi mucuranguza. 23#Yob 34:28; Luk 18:7; Yak 5:4.Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoya, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo; 24#Zab 109:9; Int 5:3.maz’ uburake bganje bukaziriringa, nkabīcīsha inkota, abagore banyu bagasigara ar’ abapfakazi, n’abana banyu bakaba impfuvyi.
25 #
Lew 25:35-37; Gus 23:19, 20; Neh 5:7. Ni hagira ūgurāna amahera umuntu uw’ ari we wese wo mu bantu banje, w’umubanyi wiwe w’umworo, ntaz’ amwugarize mu kumwishuza, kandi ntaz’ amucire ay’ inyungu. 26#Gus 24:12, 13; Ezk 18:7, 16; Am 2:8.Ni hagira ūkīzūra impuzu ya mugenzi we kukw amuheraniye, izuba ntirirenge atayimushubije: 27kukw ari yo yipfuka yonyene, ari wo mwambaro wo ku mubiri wiwe; none yokwiyorosa iki? Ni yantakambira, nzomwumviriza, kuko nd’ umunyembabazi.
28 #
Ivyak 23:5; Yud 1:8. Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu. 29#Kuv 13:2.Ntimuze mutebagane kunshikanira ku vyo mwakikinyuye, ari ku vyo mwejeje, ari ku binyobga vyanyu. Imfura zanyu z’ abahungu muze muzimpe. 30#Lew 22:27; Gus 15:19.Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe. 31#Kuv 19:6; Lew 22:8; Ezk 4:14.Muzoba abantu b’abagabo nirobanuriye; kandi ntimuze murye ku nyama z’ikirangara kiri mu gahinga, iz’ ari zo zose, ariko muze muziterere imbga.
Currently Selected:
Kuvayo 22: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967