Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge. Mu gihugu canyu nta wuzokorokesha inda, nta wuzoba intavyara: ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka.