Kuvayo 21
21
Ivyagezwe vyo ku bagurano na ba shebuja
1 #
Gus 4:14; 6:1. Ibi ni vyo vyagezwe uzobashikiriza. 2#Lew 25:39-41; Gus 15:12; Yer 34:14.Ni hagira ūgura umugurano w’Umuheburayo nka we, az’ amujākarire imyaka itandatu: mu mwaka ugira indwi az’ arekurwe, yībēre mu mwidegemvyo, ata co yicunguje. 3Namb’ azoba yaraje wenyene, agende wenyene; namb’ azoba yazananye n’umugore, ajane na we. 4Kandi shebuja namba yaramuhaye umugore, bakavyarana abahungu cank’ abakobga, nya mugore n’abana biwe bazosigara ar’ aba shebuja, na we agende wenyene. 5#Gus 15:16, 17.Arik’ uwo mugurano ni yavuga amaramaje, ati Nkunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kurekurwa ngo nje mu mwidegemvyo: 6shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera; uwo az’ arinde apfa akimujākariye.
7 #
Neh 5:5. Umuntu ni yashōra umwana wiwe w’umukobga akaja kuba umugurano, igihe kigeze ntaz’ arekurwe nk’uko barekura abagurano b’abagabo. 8Ariko n’atātunganira shebuja, yari yaramurongoye, shebuja aze yemere acungurwe. Ariko kumugura n’abanyamahanga ntivyemerwa, kukw azoba yaramwononye. 9Canke ni yamuha umuhungu wiwe, amutere itēka nk’uko yogiriye umukobga wiwe. 10#1 Kor 7:3.Na ho ni yamuharika uwundi, ntaz’ ahaze umutēko wiwe w’ inyama yamugereye cank’ imyambaro yiwe, cank’ imbu ziwe. 11Ni yaramuka atiriganye mur’ ivyo ukw ari bitatu, uwo mugore az’ arekurwe gusa, ata mahera atanzwe.
Ivyagezwe vy’uwishe umuntu
12 #
Ita 9:6; Lew 24:17; Guh 35:30; Mat 26:52. Ūkubise uwundi, agapfa, ntaz’ abure kwicwa. 13#Guh 35:11-25; Gus 19:2-10; Yos 20:2.Arik’ uwobigira atavyitumye, ari jewe Imana ntumye amugwa mu maboko, nzokurangira ah’ azohungira. 14#1 Abam 2:28-34.Arik’ umuntu ni yatera mugenzi we ibigirankana, ngw amwice mu bugunge, muze mumukūre ku gicaniro canje, kugira ngo yicwe.
15Ūkubise se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.
16 #
Gus 24:7. Uwivye umuntu ngw amushōre, ar’ ūmaze kumugura, cank’ ar’ ūmufatanywe, ntaz’ abure kwicwa.
17 #
Lew 20:9; Mat 15:4. Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.
18Abantu ni barwana, umwe agatera uwundi ibuye, cank’ akamusekura igipfunsi, akamara imisi arwaye, ariko ntapfe: 19amaze gusubira kuvyuka, akāndārira ku kibando, uwamukubise ntaze yicwe, arikw az’ amurihe imisi amaze arwaye, atekw amuvūze, kugeza akize neza.
20Umuntu ni yakubita inkoni umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi, akamugwa mu maboko, ntaz’ abure guhanwa; 21#Lew 25:45, 46.ariko ni yasība rimwe canke kabiri atarahwera, ntaz’ abihanirwe: kuko vyar’ ibintu vyiwe.
22Abantu ni barwana, bagaca ku mugore akuriwe, bigatuma inda yiwe ikoroka, ariko ntāgire ikindi aba: ūmuciyeko ntaz’ abure kuriha ico umugabo w’uno mugore azomucira cose; az’ arihe nk’ ukw abacamanza bazoshinga. 23#Lew 24:20; Gus 19:21; Mat 5:38.Ariko ni yagira ikindi aba, uz’ ugere k’ubugingo buhōrwa ubundi, 24ijisho rihōrwe irindi, iryinyo rihōrwe irindi, igikonjo gihōrwe ikindi, ikirenge gihōrwe ikindi, 25ubushe buhōrwe ubundi, uruguma ruhōrwe urundi, umushishu w’inkoni uhōrwe uwundi.
26Umuntu ni yakubita umugurano wiwe cank’ umuguranokazi, akamumena ijisho, amurekure yidegemvye kukw amumennye ijisho. 27Kandi ni yakubita umugurano wiwe cank’ umuguranokazi, akamuhongora iryinyo, amurekure yidegemvye kukw amuhongoye iryinyo.
Ivyagezwe vyo ku nka zica
28 #
Ita 9:5. Ni hagira inka yica umugabo cank’ umugore, agashika, iyo nka ntiz’ ibure kwicishwa amabuye, kandi ntiz’ iribge; ariko nyene yo ntaz’ ashirwe mu rukinja. 29Arikw iyo nka ni yaba yar’ isanzwe yica, nyene yo bakaba baramwihanije, ntayizigame, ikica umugabo cank’ umugore, agashika, iyo nka ize yicishwe amabuye, na nyene yo na we bamwice. 30#Guh 35:31.Na ho ni bamwaka indihano, atange ico bazomucira cose, kugira ngw acungure ubugingo bgiwe. 31Naho yokwica umwana w’umuntu, ar’ umuhungu cank’ umukobga, nyene yo agirwe nk’ukw ico cagezwe kivuga. 32#Zek 11:12, 13; Mat 26:15.Arikw inka ni yica umugurano cank’ umuguranokazi, nyene yo az’ arihe shebuja w’uno shekeli z’ifeza mirongwitatu, iyo nka na yo ize yicishwe amabuye.
33Umuntu ni yarumūra urwobo rwo kubīka amazi, canke ni yarwimba ntarurumye, inka ikarukorokeramwo cank’ indogoba; 34nyene rwo az’ arihe ico yar’ imaze, ahe nyene yo amahera, umuvyimba ube uwa nyen’ urwobo.
35Inka y’umuntu ni yica iy’ uwundi, igahwera, iyishe iyindi bayigure, bagabure ivyo iguzwe, n’ umuvyimba na wo nyene bawugabure. 36Na ho ni vyaba bizwi kw iyo nka yar’ isanzwe yica, nyene yo ntayizigame, ntaz’ abure kuyiriha iyindi, umuvyimba ukaba uwiwe.
Currently Selected:
Kuvayo 21: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967