Kuvayo 16
16
Uhoraho aha Abisirayeli manu
1Ishengero ryose ry’Abisirayeli bavuduka i Elimu, bataha mu bugaragwa bg’i Sini, buri hagati ya Elimu na Sinayi, hari ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi gukurikira ukwo baviriye mu gihugu ca Egiputa. 2#Kuv 15:24; Zab 106:25; 1 Kor 10:10.Ishengero ryose ry’Abisirayeli bidodombera Mose na Aroni mur’ ubgo bugaragwa, 3#Guh 11:4, 5; 20:3, 4; Gus 8:3.barababarira, bat’ Uhoraho iy’ apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara.
4 #
Kuv 15:25; Zab 78:24; 105:40; Yoh 6:31; 1 Kor 10:3. Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’ uwo musi, kugira ngo mbagerageze ndābe yuko bitondera ivyagezwe vyanje, canke ko batavyitondera. 5Kandi ku wa gatandatu, igihe basorongora ivyo bazanye, bazosanga harimw’ ibingana kabiri n’ivyo bahora bazana.
6 #
Kuv 6:7. Nuko Mose na Aroni babarira Abisirayeli bose, bati Ku mugoroba ni ho muja kumenya yuk’ Uhoraho ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa; 7#Guh 16:19.kandi mu gitondo ni ho muzobona icubahiro c’Uhoraho: kuko yumvise ingene mumwidodombera; natwe ga twar’ iki, aho mutwidodombera? 8Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.
9Maze Mose abarira Aroni, ati Barira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, uti Ni mwīgire hafi imbere y’ Uhoraho, uti Kuko yumvise imyidodombo yanyu. 10Nuko Aroni akirikw aravugana n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, bahindukiye babona mu bugaragwa ubgiza bg’ Uhoraho bgiyerekaniye muri ca gicu. 11Uhoraho abarira Mose, 12#Guh 14:27.ati Numvise imyidodombo y’ Abisirayeli; non’ ubabarire, uti Kur’ uyu mugoroba murarya inyama, kandi mu gitondo muzorya umutsima, muhāge: uti Muzoca mumenya kw ari we Uhoraho Imana yanyu.
13 #
Guh 11:9, 31; Zab 105:40. Nuko ku mugoroba inkware ziraza, zigwa aho bashagaje, zirahazimya; mu gitondo buca ikime gitonze impande zaho zose. 14Ikime kimaze guta, hasi aho mu bugaragwa haboneka utuntu duto‐duto nk’utuvunguka, duto‐duto nk’ikime cavuze. 15#Yoh 6:31, 49; 1 Kor 10:3.Abisirayeli babibonye, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? kuko batāmenye ivy’ ari vyo. Mose arababgira, at’ Uwo n’umutsima Uhoraho abahaye kw ivyo kurya. 16#Kuv 16:36.Ibi ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Umuntu wese yegeranye ibihwanye n’igisa ciwe, kand’ ajanire abo mw ihema ryiwe ingero yitwa omeru imwe‐imwe ku muntu ku muntu, nk’ ukw igitigiri c’abantu banyu kingana.
17Abisirayeli babigenza bartyo, baravyegeranya, bamwe begeranya vyinshi, abandi bike. 18#2 Kor 8:15.Babigeze kuri ya ngero yitwa omeru, uwegeranije vyinshi asanga nta co asāguye; uwegeranije bike asanga nta co akehaniwe: umuntu wese asanga yegeranije ibihwanye n’igisa ciwe. 19Maze Mose arabīhaniza, ati Ntihagire umuntu abirāza. 20Yamara Mose ntibamwumvira: bamwe babirāzako, basanga vyaboze, binyagara inyo. Mose arabarakira. 21Nuko bama bavyegeranya uko bukeye, umuntu wese ibihwanye n’igisa ciwe: izuba ngo risasike, bikayaga.
22Maze ku wa gatandatu begeranya ivyo kurya bingana kabiri n’ivyo bahora bazana: umuntu wese agira omeru zibiri‐zibiri; abakuru bose b’iryo shengero baraza babibarira Mose. 23#Ita 2:3; Kuv 20:8-11; 31:15; 35:2, 3; Lew 23:3.Arababarira, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Ejo uzoba umusi wo kuruhūka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba, bateke ivyo bagomba; ibisāgutse babibīke, babirāze. 24Nuko barabirāza nk’uko Mose yabageze; ntivyabora, ntivyagwa urunyo na rumwe.
25Mose arababgira, at’ Uyu musi murye ivyo, kuk’ uyu musi ar’ uw’ isabato y’Uhoraho; uyu musi ntimubibona ku musozi. 26Mu misi itandatu muzokwama muvyegeranya, arik’ ūgira indwi n’ uw’ isabato: kuri wo ntibizoboneka. 27Ariko kur’ uwo musi ugira indwi bamwe mu bantu baja kuvyegeranya, barabibura. 28#Zab 78:10.Uhoraho abaza Mose, ati Muzogeza hehe kwanka kwitondera ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje? 29Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi. 30Nuko ku w’indwi abantu bararuhuka.
31 #
Guh 11:7, 8. Ab’ inzu ya Isirayeli bita utwo tuntu manu: twasa n’utubuto tw’agati kitwa gadi, kandi twera de: twasōsa nk’udutsima turimw’ ubūki.
32Mose arababgira, at’ Iki ni co Uhoraho yabageze, at’ Ingero ya omeru yuzuye manu ibīkirwe ab’ urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana, kugira ngo baze barābe umutsima yabagaburiye mu bugaragwa, igihe yabakūra mu gihugu ca Egiputa. 33#Heb 9:4.Mose abarira Aroni, ati Jana urwavya, urusukemwo manu yuzuye omeru imwe, urutereke imbere y’Uhoraho, kugira ngo rubīkirwe ab’urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana. 34#Kuv 25:16, 21; 40:20; Guh 17:10.Nuko Aroni arutereka imbere y’ Ibishinga intahe, ngo rwameho, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose. 35#Gus 8:2, 3; Yos 5:12; 1 Kor 10:3.Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani. 36Ingero yitwa efa irimw’ izitwa omeru cumi.
Currently Selected:
Kuvayo 16: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967