Kuvayo 15
15
Indirimbo ya Mose, bakize abansi
1 #
Zab 106:12. Maze Mose n’Abisirayeli baririmbira Uhoraho iyi ndirimbo,
bati Ndaririmbira Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza.
Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.
2 #
Kuv 3:6; 2 Sam 22:47; Zab 99:5; 118:14; Yes 12:2. Uhoraho n’inkomezi zanje n’indirimbo yanje,
Ampindukiye agakiza.
Uwo ni we Mana yanje, nanje ndamuhimbaza;
Ni yo Mana ya data, nanje ndayishira hejuru.
3 #
Kuv 3:15; Zab 83:18; Ivyah 19:11. Uhoraho n’intōre mu ntambara,
Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
4Imikogote ya Farawo n’ingabo ziwe yabinuze mu kiyaga,
Abagabisha biwe b’intorwa badobeye mu Kiyaga Gitukura.
5Amazi yo mw idamba arabarengeye,
Barokeye i bgina nk’ibuye.
6 #
Zab 2:9; 118:15, 16. Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho w’icubahiro kivuye mu bubasha, m
Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho, kujanjaguye abamenja.
7 #
Gus 33:26; Zab 59:13; Mal 4:1. Ubugabe bgawe buhambaye bgatumye utūra hasi abakwināntājeko.
Warekuye uburake bgawe, bubatōngōra nk’ibishingwe.
8 #
Zab 18:15; 78:13. Gufuha kwo mu mazuru yawe kwarundanije amazi,
Imipfunda yema nk’ikirundo;
I bgina muri nyina w’ikiyaga haravura.
9Umubisha yaravuze,
Ati Ndabakurikira, ndabashikīre, ngabanganye iminyago,
Ndabīmarekw ishavu;
Nsokōre inkota, mbaranduze ukuboko kwanje!
10Wahuhutishije umuyaga wawe, ikiyaga kirabarengera:
Badobera nk’icuma c’isāsu mu mazi ahambaye.
11 #
2 Sam 7:22; 1 Abam 8:23; Zab 77:14; 86:8; Yer 10:6. Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe?
N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera,
Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?
12Waramvuye ukuboko kw’i buryo,
Isi irabamira.
13 #
Zab 77:15; 78:54. Kubg’ imbabazi zawe warōngōye abantu wacunguye:
Wabarōngōje inkomezi zawe mu nzira ija ahantu hēra, ah’ uba.
14 #
Gus 2:25; Zab 48:6. Amahanga yaravyumvise, ahinda agashitsi;
Ab’i Bufilisitiya, ubgoba bubafata nk’ibise.
15 #
Guh 22:3; Yos 2:9. Ico gihe abakuru b’imiryango yo muri Edomu barumirwa;
Intōre z’i Mowabu zija mu gatengo;
Ab’i Kanani bose bagwa igihumura.
16 #
Gus 11:25; 1 Sam 25:37; Zab 74:2. Ubgoba no gutinya bizobafata,
Ububasha bg’ukuboko kwawe butumye bazojunja nk’ibuye,
Gushitsa ah’abantu bawe bazorenganira, ewe Uhoraho,
Gushitsa ah’abantu wiguriye bazorenganira.
17 #
Zab 44:2; 80:8. Uzobashikanayo, ubashimangire ku musozi w’ishamvu yawe,
Ahantu witunganirije ngo habe i wawe, ewe Uhoraho,
Ahēra hāshizweho n’amaboko yawe, Mwami.
18 #
Zab 146:10. Uhoraho azokwama ahangamye ibihe bitazoshira.
19Kuko hamwe amafarasi ya Farawo, n’imikogote yiwe, n’ abagendera ku mafarasi, vyari bimanutse mu kiyaga, Uhoraho abiteranirizakw amazi y’ikiyaga; arikw Abisirayeli bo bāciye hagati mu kiyaga nk’ abaca ku musozi.
20 #
Guh 26:59; Abac 11:34; 1 Sam 18:6; Zab 68:25. Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina; 21#1 Sam 18:7.Miriyamu akabaterera,
ati Ni muririmbire Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza:
Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.
Amazi y’i Mara
22Mose ajana Abisirayeli, bararamvura, bava ku Kiyaga Gitukura, bataha mu bugaragwa bg’i Shura, bagenda imisi itatu mur’ ubgo bugaragwa, babura amazi. 23#Guh 33:8; Rus 1:20.Bashitse i Mara, ntibāshobora kunywa amazi yaho, kuko yar’ umururazi; ni co catumye hitwa Mara.#15:23 Mara risobanurwa ng’ Umururazi. 24Maz’ abantu bidodombera Mose, bati Turanywa iki? 25#Kuv 16:4; 20:20; Gus 8:2, 16; Abac 2:22; 3:1, 4; 2 Abam 2:21; 4:41; Zab 66:10; 81:7.Na we atakambira Uhoraho: Uhoraho amwereka igiti, agiterera mur’ ayo mazi, aca ahinduka meza. Aho ni ho Uhoraho yabashingiye icagezwe n’ibgirizwa, kand’ aho ni ho yabageragereje. 26#Kuv 23:25; Gus 7:15; 28:27; Zab 103:3.Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.
27 #
Guh 33:9. Bashika i Elimu, hār’ amariba cumi n’abiri, n’ibigazi mirongwirindwi: basagaza aho nyene kur’ ayo mazi.
Currently Selected:
Kuvayo 15: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967