barababarira, bat’ Uhoraho iy’ apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara.
Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’ uwo musi, kugira ngo mbagerageze ndābe yuko bitondera ivyagezwe vyanje, canke ko batavyitondera.