YouVersion Logo
Search Icon

Abanyefeso 6

6
1 # Kol 3:20. Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. 2#Kuv 20:12.Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano, 3#Gus 5:16.kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi. 4#Kol 3:21; Yes 50:5; Imig 2:2; 3:11; 19:18; Gus 6:7, 20-25; Zab 78:4.Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.
5 # Kol 3:22-25; Tit 2:9, 10; 1 Pet 2:18. Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk’uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu. 6Ntimubakorere bakibahagarikiye, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere nk’abagurano ba Kristo, mukora ivy’ Imana igomba bivuye ku mutima. 7Mubakorere mushize icira, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu. 8#2 Kor 5:10.Kuko muzi yuk’ umuntu wese iy’ akoze iciza, azocishurwa na Shebuja mukuru, n’iyo yoba umugurano cank’ uwidegemvya. 9#Kol 4:1; 2 Ngo 19:7; Ivyak 10:34.Namwe ba shebuja, mubagirire murtyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.
Ibirwanishwa vy’Umukristo
10 # 1 Kor 16:13; 1 Yoh 2:14. Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi. 11#Ef 4:14; 2 Kor 10:4.Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi. 12#Ef 2:2; Yoh 14:30; Kol 1:13; 1 Pet 5:8, 9.Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru. 13#1 Abam 20:11.Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye. 14#Yes 11:5; 59:17; Luk 12:35; 1 Pet 1:13; 1 Tes 5:8.Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza, 15#Yes 52:7; 40:3, 9.mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibīteguza; 16#1 Pet 5:9; 1 Yoh 5:4.kandi hamwe n’ivyo vyose mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro. 17#1 Tes 5:8; Hos 6:5; Yes 11:4; 49:2; 51:16.Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana: 18#Mat 26:41; Kol 4:2, 3.musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose. 19#Kol 4:3; 2 Tes 3:1; Ivyak 4:29.Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza, 20#2 Kor 5:20; Kol 4:4.kuko nd’ intumwa yabgo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabgo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga.
Amajambo yo guherezako
21 # Ivyak 20:4; Kol 4:7; 2 Tim 4:12. Kandi Tukiko, mwene Data nkunda, umukozi w’umwizigirwa mu vy’Umwami wacu, azobīgānira vyose, kugira ngo mumenye ivyanje, uko mmeze. 22#Kol 4:7, 8.Ni we mbatumyeko kubg’ ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngw aremeshe imitima yanyu.
23Amahoro abe muri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo. 24#1 Pet 1:8.Ubuntu bg’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.

Currently Selected:

Abanyefeso 6: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in