1
Abanyefeso 6:12
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.
Compare
Explore Abanyefeso 6:12
2
Abanyefeso 6:18
musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.
Explore Abanyefeso 6:18
3
Abanyefeso 6:11
Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi.
Explore Abanyefeso 6:11
4
Abanyefeso 6:13
Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.
Explore Abanyefeso 6:13
5
Abanyefeso 6:16-17
kandi hamwe n’ivyo vyose mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro. Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana
Explore Abanyefeso 6:16-17
6
Abanyefeso 6:14-15
Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza, mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibīteguza
Explore Abanyefeso 6:14-15
7
Abanyefeso 6:10
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
Explore Abanyefeso 6:10
8
Abanyefeso 6:2-3
Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.
Explore Abanyefeso 6:2-3
9
Abanyefeso 6:1
Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse.
Explore Abanyefeso 6:1