YouVersion Logo
Search Icon

Abanyefeso 5

5
1 # Mat 5:48; Kol 3:12. Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. 2#Gal 2:20; Heb 10:10; Kol 3:13; Zab 40:6; Kuv 29:18; Ezk 20:41.Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.
3 # Ef 4:19; Kol 3:5. Arik’ ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera: 4#Ef 4:29; Kol 3:8.cank’ ibiteye isoni, cank’ amagambo y’ubupfu, cank’ ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana. 5#1 Kor 6:9, 10; Kol 3:5; Ivyak 8:21.Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana. 6#Rom 1:18; Kol 2:4, 8.Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa. 7Nuko ntimugafatanye na bo; 8#Ef 2:11, 13; Luk 16:8; 1 Pet 2:9; Yoh 12:36.kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco, 9kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri. 10#Rom 12:2.Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu, 11#Yoh 16:8.kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure, 12#Rom 1:24.kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga. 13#Yoh 3:20, 21.Ariko vyose, iyo bishizwe ahabona, bigaragazwa n’umuco, kukw ikigaragazwa cose ar’ umuco. 14#Yes 26:19; 60:1; Rom 13:11; 6:13.Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.
15 # Mat 10:16; Kol 4:5. Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, 16mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi. 17#Rom 12:2.Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo. 18#Imig 23:31; Luk 21:34.Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu. 19#Kol 3:16; Zab 33:2, 3.Mubgirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu; 20#Kol 3:17.Imana, Data wa twese, muyishimire vyose imisi yose, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. 21#1 Pet 5:5.Mugamburukanire, kuko mwubashe Kristo.
Umubano wo mu rugo rw’Abakristo
22 # Ita 3:16; Kol 3:18; 1 Pet 3:1. Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. 23#1 Kor 11:3; Kol 1:18.Kuk’ umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’ umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe. 24Ariko nk’ukw ishengero rigamburukira Kristo, abe ari kw abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose. 25#Kol 3:19.Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura, 26#Tit 3:5.ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo, 27#Zab 45:13; 2 Kor 11:2.ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga. 28Ni kw abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda: 29kukw ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kristo na we agirira ishengero: 30#Ef 1:23; 1 Kor 6:15; Ita 2:23.kuko tur’ ingingo z’umubiri wiwe. 31#Ita 2:24.Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe. 32#Ivyah 19:7.Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero. 33Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.

Currently Selected:

Abanyefeso 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in