YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Kolosayi 4

4
1 # Lew 25:43, 53. Ba shebuja, namwe ni mugirire abagurano banyu ibigororotse n’ibibereye, kuko muzi yuko namwe mufise Shobuja mw ijuru.
Paulo asaba ab’i Kolosayi ngo bamusengere, akwize ubutumwa
2 # 1 Tes 5:17; Ef 6:18; Flp 4:6. Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima; 3#Rom 15:30; Ef 6:18, 19; 2 Tes 3:1; 1 Kor 16:9.kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngw Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe, 4#Ef 6:20.kugira ngo ndariserure nk’uko nkwiye kuvuga.
5 # Ef 5:15, 16; 1 Tes 4:12. Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza. 6#Ef 4:29; Mrk 9:50; 1 Pet 3:15.Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.
Amajambo yo guherezako
7 # Ef 6:21. Tukiko mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, umugenzi dukorana mu Mwami wacu, azobīgānira ivyanje vyose. 8#Ef 6:22.Ni we mbatumyeko kubg’ ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngw aremeshe imitima yanyu, 9#Flm 1:10.ndamutumanye na Onesimo mwene Data w’umwizigirwa, uwo dukunda, yavuye i wanyu; bazobīgānira ivy’ ino vyose.
10 # Ivyak 19:29; 27:2; 18:27. Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre. 11Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ ubgami bg’Imana, kandi bāmmaze umubabaro. 12#Kol 1:7.Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose. 13Ndamushingira intahe yukw abagirira umwete mwinshi, mwebge n’ab’i Lawodikiya n’ab’i Hiyerapoli. 14#2 Tim 4:10, 11; Flm 1:24.Luka, umuganga akundwa, na Dema, barabatasha. 15Muntahirize bene Data b’i Lawodikiya, na Numfa, n’ishengero ryo mu nzu yiwe. 16Kand’ iki cete ni mwaheza kugisomerwa, muze mwitwaririke ko gisomerwa ishengero ry’i Lawodikiya; kandi namwe muze musome ikizova i Lawodikiya nyene. 17#Flm 1:2.Kandi muze mubarire Arukipo, mut’ Urābe igikorwa c’ubusuku wahawe mu Mwami wacu, ucuzuze.
18 # 1 Kor 16:21; 2 Tes 3:17. Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko. Mwibuke iminyororo yanje. Ubuntu bubane namwe.

Currently Selected:

Ab’i Kolosayi 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in