1 Ab’i Tesalonike 1
1
Indamukanyo no gushimira Imana ukwizera kw’ab’i Tesalonike
1 #
Ivyak 15:40; 17:1; 2 Tes 1:1. Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo: ubuntu bube muri mwebge n’amahoro.
2 #
2 Tes 1:11. Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze, 3#1 Kor 13:13; Kol 1:4, 5.twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese. 4Bene Data bakundwa n’Imana, tuzi yuko mwatoranijwe na yo: 5#1 Kor 2:5.kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu. 6#1 Kor 4:16; Ivyak 13:52; 2 Tes 3:9.Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera, 7#1 Tes 4:10; Flp 3:7; 1 Pet 5:3.bituma muba icitegererezo c’abizera bose bar’ i Makedoniya no muri Akaya. 8#Rom 1:8.Kuko muri mwebge humvikanye ijambo ry’Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, arik’ ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga mur’ ivyo. 9#Ivyak 14:15; Yoh 17:3; 1 Kor 12:2.Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima, 10#1 Tes 5:9; Tit 2:13; Ivyak 17:31.kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.
Currently Selected:
1 Ab’i Tesalonike 1: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967