Ab’i Kolosayi 3
3
Kuzuranwa na Kristo
1 #
Zab 110:1; Kol 2:12. None rer’ asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, avyagiye i buryo bg’Imana. 2#Mat 6:33.Mushire imitima ku biri hejuru, ntimuyishire ku biri mw isi. 3#Rom 6:2.Kuko mwapfuye, kand’ ubugingo bganyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana. 4#1 Kor 15:43; Flp 1:21; Gal 2:20.Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.
5 #
Rom 6:6; 8:13; Ef 4:19; 5:3, 5. Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana; 6#Ef 5:6.ivyo ni vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa. 7Namwe mwabigenderamwo kera, hamwe mwāba muri vyo. 8#Ef 4:25-31; 5:4.Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu. 9#Ef 4:22.Ntimukabeshane, kuko mwiyambuye umuntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, 10#Ef 4:24; Ita 1:27.mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye: 11#Gal 3:28.aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.
12 #
1 Pet 2:9; Ef 4:2, 32; 5:2. Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana, 13#Mat 6:14; Ef 4:32; 5:2.mwihanganirana, muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. 14#Rom 13:8, 10; Ef 4:3.Ikigeretse kur’ ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana. 15#Ef 4:4; Flp 4:7; 1 Kor 12:13, 27.Kand’ amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe: kandi mube abama bakenguruka. 16#Ef 5:19.Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo. 17#1 Kor 10:31; Ef 5:20.Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.
Umubano wo mu rugo rw’Abakristo
18 #
Ef 5:22—6:9. Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu. 19#1 Pet 3:7.Bagabo, mukunde abagore banyu, ntimubabere umururazi. 20Bana, mwumvire abavyeyi banyu muri vyose, kukw ivyo ari vyo bishimwa mu Mwami wacu. 21Ba se, ntimukaratse abana banyu, ngo ntibaranduke imitima. 22Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’ iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru. 23Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu, 24muzi yuko muzohabga impēra na Shobuja mukuru, ni yo wa mwandu. Shobuja uwo Kristo ni we mukorera. 25#Rom 2:11.Kuk’ ūgabitanya azokwihōrwa nk’uko yagabitanije: kandi nta kurobanura ku butoni.
Currently Selected:
Ab’i Kolosayi 3: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967