YouVersion Logo
Search Icon

2 Timoteyo 1

1
Indamukanyo no gushima Imana
1Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry’ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu, 2ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.
3 # Ivyak 23:1; 24:16; Flp 3:5. Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango. 4Nibuka amosozi yawe, ngakumbura kukubona, ngo nuzure umunezero: 5#Ivyak 16:1.kuko nibutse ukwizera kutar’ ukw’ uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike: kandi ndazi ntakekeranya yuko kuri muri wewe nawe.
Paulo ahanūra Timoteyo kugira umwete no gushikama
6 # 1 Tes 5:19; 1 Tim 4:14. Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje. 7#Rom 8:15.Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda.
8 # Rom 1:16. Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, cank’ izanje imbohe yiwe. Arik’ ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ ubutumwa bgiza, nk’uk’ ubushobozi bg’Imana bugushoboza, 9#Tit 3:5.yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba, 10#Rom 16:26; Heb 2:14; 1 Kor 15:55, 57.ariko none bgaseruwe n’ukuboneka kw’Umukiza wacu Kristo Yesu, yahinduye urupfu ubusa, ubugingo no kutagipfa akabiserurisha ubutumwa bgiza. 11#1 Tim 2:7.Ubgo butumwa nabushiriweho kuba umuvuzi wabgo n’intumwa n’umwigisha. 12Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi. 13#1 Tim 6:3; Tit 2:1.Gumya icitegererezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukigumishe ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu. 14#1 Tim 6:20.Ikibītsanyo ciza wabīkijwe, ukizigamishe Mpwemu Yera aba muri twebge.
15 # 2 Tim 4:16. Urazi yukw abo muri Asiya bose banteye ibitugu, mur’ abo umwe ni Fugelo na Herumogene. 16Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje, 17ariko, ashitse i Roma, agira umwete wo kundondera, arambona. 18#Yud 1:21.Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi. Kand’ ivyo yankoreye muri Efeso uko bingana, nta wukurusha kubimenya.

Currently Selected:

2 Timoteyo 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in