1 Timoteyo 6
6
Ivy’ abagurano
1 #
Ef 6:5; Tit 2:9, 10. Abagurano bose bari mu buja ni biyumvire ba shebuja ko bakwiye kwubahwa rwose, ngw izina ry’Imana n’ukwigisha ntibitukwe. 2#Flm 1:16.Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.
Ivy’ inyigisho z’ibinyoma
3 #
Gal 1:6-9; 2 Tim 1:13. Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana; 4azoba yikakishije, ata co azi, arwaye ibihāri, n’intambara z’amagambo, zivamw’ igono, no gutongana, n’ibitutsi, n’ikēkwe ribi, 5#2 Tim 3:8; 4:4; Tit 1:14.n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.
Ubutunzi nyakuri
6 #
1 Tim 4:8; Heb 13:5; Flp 4:11, 12. Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ ufise kuvamw’ inyungu nyinshi koko: 7#Umus 5:15; Yob 1:21.kukw ata co twazanye mw isi kand’ ata co dushobora kuyivanamwo. 8#Imig 30:8.Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye. 9#Imig 23:4; 28:22.Arikw abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. 10#Ef 5:5.Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.
Paulo ahanūra Timoteyo ngw abangirize ubugingo
11 #
2 Tim 2:22. Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza, 12#1 Kor 9:25, 26; 2 Tim 4:7.wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubugingo budashira, ubgo wahamagariwe, ukabgaturira ukwatura kwiza mu maso y’ivyabona vyinshi. 13#Yoh 18:36, 37; 19:11.Ndakubgiririza mu nyonga z’Imana ibeshaho vyose, no mu za Kristo Yesu yashingishije intahe ukwatura kwiza imbere ya Pontiyo Pilato, 14witondere icagezwe, ntugire agasembga, ntubek’ umugayo, gushitsa ku guseruka kw’ Umwami wacu Yesu Kristo, 15#1 Tim 1:11; Ivyah 17:14; Gus 10:17.kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, ni yo Mwami w’abami, ūganza abaganza; 16#Kuv 33:20.ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.
17 #
Zab 62:10; Luk 12:20; Rom 12:16. Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe; 18kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga, 19#Mat 6:20.bībīkire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri.
20 #
1 Tim 4:7; 2 Tim 1:14. Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy’amagambo ahumanya n’ukurwana kw’ivyitwa ubgenge atari bgo, 21#1 Tim 1:6; 2 Tim 2:18.ubgo bamwe bīvuga ko babufise bakazimira, bagata ukwizera. Ubuntu bubane namwe.
Currently Selected:
1 Timoteyo 6: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967