2 Timoteyo 2
2
1Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu, 2kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi. 3#2 Tim 1:8; 4:5.Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu. 4Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ ahimbare uwamwandikiye ubusoda. 5#2 Tim 4:8.Kand’ iy’ umuntu arushanywa, ntahabga igitsibo, shiti arushanijwe nk’uko vyagezwe. 6#1 Kor 9:7, 10.Umurimyi kukw ari we yacumukuye ni we akwiye kubanza gusoroma ku vyeze. 7Umenye ivyo mvuze, kuk’ Umwami wacu azoguha ubgenge muri vyose.
8 #
Rom 1:3; 2:16; 1 Kor 15:4, 20; 2 Sam 7:12. Wame wibuka Yesu Kristo, yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk’uk’ ubutumwa nahawe buvuga: 9#Ef 3:1, 13; Flp 1:12-14; 2:17.ubgo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk’inkozi y’ikibi; arikw ijambo ry’Imana ntiriboshwe. 10#Kol 1:24.Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira. 11#2 Kor 4:11.Iri jambo n’iryo kwizerwa, ngo Namba twarapfanye na we, tuzobanaho na we; 12#Mat 10:33.namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana; 13#Rom 3:2, 3; Guh 23:19.naho tutoba abizigirwa, we ahora ar’ umwizigirwa, kukw adashobora guhindagurika.
Paulo ahanūra Timoteyo, ngw azibukīre ibihāri
14 #
1 Tim 6:4; Tit 3:9. Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva. 15#1 Tim 4:6; Luk 12:42; Tit 2:7, 8.Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri. 16#1 Tim 4:7.Ariko, ibihumanya vy’amagambo y’ubusa ubizibukīre, kukw ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana, 17#1 Tim 1:20.kand’ ijambo ryabo rizorandagurana nk’igisebe c’igitema. Mur’ abo umwe ni Humenayo na Fileto, 18kuko bāzimiye bakava mu vy’ ukuri, bavuga ng’ ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe. 19#Guh 16:5, 26; Yoh 10:14; Yes 26:13; 28:16, 17.Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.
20 #
1 Kor 3:12. Mu nzu nini y’umutunzi ntihabamw’ imbombovu z’ivyacuzwe mw izahabu no mw ifeza gusa, ariko habamwo n’iz’ ivy’ ibiti n’iz’ ivy’ ibumba, kandi bimwe babikoresha ivy’ icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni. 21#2 Tim 3:17.Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose. 22#1 Tim 6:11; 1:5.Ariko kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ ukurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo n’amahoro, ufatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye. 23#1 Tim 4:7.Arikw ibihāri vy’ubupfu n’ivy’ ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara intonganya. 24#Tit 1:7.Kand’ umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bgo kwigisha, no kwihangana, 25#1 Tim 2:4.no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri, 26bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.
Currently Selected:
2 Timoteyo 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967