Bible App logo
Search Icon

2 Petero 2

2
Ivy’ abiyita abavugishwa n’Imana
1 # Mat 24:11; 1 Tim 4:1; Gus 13:1; Yud 1:4. Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse. 2#Yes 52:5.Kand’ ingeso zabo z’isoni nke benshi bazozikurikira; kubg’ ivyo inzira y’ukuri bazoyitukisha. 3#Rom 16:18; 2 Kor 9:5; 1 Tes 2:5.Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.
4 # Ita 6:1; Yud 1:6. Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka; 5#2 Pet 3:6; Ita 8:18.kandi kw itāgiriye ikigongwe isi ya kera, arikw igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha; 6#Ita 19:24; Yud 1:7.kand’ ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora, ko yabiciriyekw iteka ryo gukomvomvorwa ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akabarore k’abazogenda batubaha Imana, 7ikarokora Loti, umugororotsi, yababazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda — 8#Ezk 9:4.kuk’ uyo mugororotsi, aho yaba muri bo, yagira akabonge uko bukeye mu mutima wiwe ugororoka kubg’ ibikorwa vyabo vy’ubugarariji yabona, akumva; — 9#1 Kor 10:13; Ivyah 3:10; Yud 1:6.Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka, 10#Yud 1:7, 8, 16.ariko cane‐cane abagenda bakurikira ivy’ akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza.
Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro: 11#Yud 1:9.arikw abamarayika naho barusha abo bantu inkomezi n’ubushobozi, ntibarega abo banyacubahiro ku Mwami Imana, ntibabatuka. 12#Yud 1:10.Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo, 13#Yud 1:12.bababazwe n’ibibi, ni zo ngero z’ubukozi bg’ibibi bgabo. Bumva ibibahimbara ar’ ukwirirwa badayangwa, abo n’amarabaga n’agasembga, badayangishwa n’ivyo bagunze, bagisangira namwe ivyiza. 14Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahāga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwifuza inyungu, ni bo bana b’ibivume. 15#Guh 22:7; Ivyah 2:14; Yud 1:11.Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya, 16#Guh 22:28.arikw ahanwa ubugāba bgiwe, hamwe indogoba itazi kuvuga yavuga ijwi nk’iry’ umuntu, ikabuza ibisazi vy’uwo muntu avugishwa n’Imana.
17 # Yud 1:12, 13. Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya. 18#Yud 1:16.Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke. 19#Yoh 8:34; Rom 6:16.Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco. 20#Mat 12:45.Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi. 21#Luk 12:47, 48; Yud 1:3.Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bāhawe. 22#Imig 26:11.Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.

Currently Selected:

2 Petero 2: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in