Bible App logo
Search Icon

2 Petero 3

3
Ivy’ ukugaruka kwa Kristo
1 # 2 Pet 1:13. Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa; 2#Yud 1:17.kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko: 3#1 Tim 4:1; Yud 1:18.irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, 4#Yes 5:19; Ezk 12:22; Mat 24:48.babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi. 5#Mat 24:38; Zab 24:2; Ita 1:2, 6, 9.Kuko biyobagiza ibigirankana yuko kera hār’ amajuru, n’isi yakūwe mu mazi n’ijambo ry’Imana, rikayirema mu mazi. 6#2 Pet 2:5; Ita 7:21.Ivyo vyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira: 7arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.
8 # Zab 90:4. Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe. 9#Hab 2:3; 1 Tim 2:4.Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. 10#1 Tes 5:2, 3; Ivyah 20:11; Mat 24:29, 35.Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.
Ukwitegurira ukugaruka kwa Kristo
11None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana, 12#Yes 34:4; Yud 1:5.no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ ivy’ itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze? 13#Yes 65:17; 66:22; Ivyah 21:1, 27.Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.
14 # 1 Kor 1:7, 8; Yud 1:24. Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe. 15#Rom 2:4; 1 Kor 3:10.Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana. 16Yagenjeje artyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo: muri vyo harimwo bimwe-bimwe bigoye itahura, ivy’ abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakīhamagarira guhona. 17#Mrk 13:5, 9, 33.None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu. 18#Yud 1:25.Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.

Currently Selected:

2 Petero 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in