Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bāhawe. Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.