Bible App logo
Search Icon

2 Petero 1

1
Indamukanyo
1Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza. 2#Yud 1:2.Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.
Ubukristo buserukira mu ngeso
3 # 1 Pet 2:9. Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza. 4Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza. 5#Gal 5:6, 22; Yud 1:3.Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge; 6ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana; 7#Gal 6:10.ukwubaha Imana mukwongereko gukunda bene Data; ugukunda bene Data mukwongerek’ urukundo. 8Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank’ ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo. 9#1 Yoh 2:9, 11.Kuk’ ūtagira ivyo ar’ impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera. 10Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya. 11#Yoh 3:5; 10:7.Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.
Petero avuga yukw igihe co gupfa kwiwe cegereje
12 # Yud 1:5. Ni co gituma imisi yose ntazotenzura kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri kuri muri mwebge. 13#2 Kor 5:1.Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura mbibutsa, nkiri mur’ uru rusago. 14#Yoh 21:18, 19.Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk’uk’ Umwami wacu Yesu Kristo yammenyesheje. 15Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gutaha muze mushobore kwama mwibuka ivyo.
Petero ashingira intahe ivyo yiboneye
16Kuko tutākurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye. 17#Mat 17:5.Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. 18Iryo jw i twaryumvise rivuye mw ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera. 19Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu: 20irya mbere mukwiye kumenya, n’ukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’ umuntu avyigombera, 21#2 Tim 3:16, 17.kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.

Currently Selected:

2 Petero 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in