Bible App logo
Search Icon

1 Petero 5

5
Petero ahanūra abakuru b’ishengero
1 # 2 Yoh 1:1; 3 Yoh 1:1; Rom 8:17; Ivyah 1:9. Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa. 2#Yoh 10:12; 21:16; Flm 1:14; Tit 1:11; Ivyak 20:28; 1 Tim 3:2-7.Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo. 3#2 Kor 1:24; Tit 2:7; Flp 3:17; 1 Tes 1:7.Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho. 4#1 Pet 2:25; Heb 13:20; 1 Kor 9:25; 2 Tim 4:8.Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira. 5#Ef 5:21; Mat 23:12; Yoh 13:4, 14; Yak 4:6.Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.
Ahanūra abandi bose
6 # Yob 22:29; Yak 4:10. Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye. 7#Zab 55:22; Mat 6:25; Flp 4:6.Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara. 8#1 Tes 5:6; Luk 18:3; Yak 4:7.Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa. 9#Ef 6:11-13.Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi. 10#1 Pet 1:6; 1 Tes 2:12.Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi. 11Ububasha bube ubgayo ibihe bitazoshira. Amen.
Intasho
12 # Heb 13:22. Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye. 13#Ivyak 12:12, 25; 2 Tim 4:11.Ishengero ry’i Babuloni ry’abātoranijwe nkamwe rirabatasha, bo na Mariko, umwana wanje. 14Muramukanishe kugumbirana kw’urukundo.
Amahoro abe muri mwebge mwese muri muri Kristo.#1 Kor 16:20.

Currently Selected:

1 Petero 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in