Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza. Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.