2 Ab’i Korinto 9
9
1 #
2 Kor 8:4, 20. Ivy’ ukugaburira abera sindinda kubibandikira. 2Kuko nzi umutima ukunze wanyu, ni wo nirata mu Banyamakedoniya yuko muwufise, mvuga yukw Abanyakaya bāri basanzwe biteguye, uhereye mu mwaka ushize, kandi gushishikara kwanyu kwateye abenshi umwete. 3Kandi ndungitse abo bene Data kugira ng’ ukwirata mwebge kwacu ntikuze gupfe ubusa mur’ ivyo; kugira ngo muze mube mwiteguye nk’uko nababgiye, 4twebge (sinovuga mwebge) ntituze tumāramāzwe n’ivyo twari twizigiye, namb’ Abanyamakedoniya bamwe bazozanana nanje bagasanga mutiteguye. 5Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bene Data kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivy’ ubuntu mwasezeranye kera, bibe vyiteguwe nk’ivy’ ubuntu, ata kinubge.
Gutangana umunezero
6 #
Imig 11:24; 19:17. Arikw ico mvuga ngiki, ng’ Ūbiba nke, azokwimbura bike, ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi. 7#Rom 12:8; 1 Ngo 29:17.Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe. 8Kand’ Imana ishobora kubasāzako ubuntu bgose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose, mufise ibibahāgije muri vyose. 9Nk’uko handitswe,
ngo Yatanze isābagire, yahaye abakene,
Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira.#Zab 112:9.
10 #
Yes 55:10; Hos 10:12. Kand’ Īha umubivyi imbuto n’imitsima yo kurya, ni yo izobaha, ibongeranirize imbuto zanyu zo kubiba, kand’ izogwiza imbuto z’ukugororoka kwanyu. 11#2 Kor 1:11; 4:15.Namwe muzotungishwa muri vyose, ngo mugire ubuntu bgose, butuma dushimisha Imana. 12#2 Kor 8:14.Kukw igikorwa c’ukwo kugabura kitamara ubgoro bg’abera gusa, ariko kandi kirushiriza gushimisha Imana muri benshi. 13Kuk’ uburyo mwageragejwe n’ukwo kugabura bgatumye abo bahimbaza Imana yuko muyumvira, mwātura ubutumwa bgiza bga Kristo, kandi yuko mwagize ubuntu bginshi bgo kubafasha no gufasha abandi bose. 14Kandi mu kubasengera babagirira inkumbu, kuk’ ubuntu bg’ Imana burushiriza kuba muri mwebge. 15Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa.
Currently Selected:
2 Ab’i Korinto 9: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967