2 Ab’i Korinto 8
8
Ivy’ ugukoranya amashikanwa yo gutabara aboro b’i Yerusalemu
1 #
Rom 15:26. Bene Data, turabamenyesha ubuntu bg’Imana amashengero y’i Makedoniya yagiriwe. 2Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo. 3Kubgabo bāratanze nk’uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi n’ukurusha ivyo bashoboye, 4#2 Kor 9:1; Ivyak 11:29.badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n’abagaburira abera. 5Kandi si nk’uko twābiziga gusa, ariko bābanje kwitanga bīha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk’ukw Imana yagomvye. 6Ni co catumye twinginga Tito, ngw asozere ico gikorwa c’ubuntu no muri mwebge, nk’uko yagitanguye kera. 7#1 Kor 1:5; 16:1, 2.Ariko nk’uko murushiriza kugira vyose — ukwizera, n’amajambo, n’ubgenge, n’umwete mwinshi, n’urukundo mudukunda — ni murushirize no kugira ubgo buntu na bgo.
Uko Yesu yatubereye akarorero keza
8Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi. 9#Mat 8:20.Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe. 10Kand’ ivyo mbabgiye kur’ ivyo n’ukubagisha inama; kuko bibabereye, abātanguriye abandi uhereye ku mwaka ushize, s’ukubikora gusa, ariko no kubikunda. 11Nuko none mushitse no kubikora, kugira ngo nk’uko mwakunze kuvyemera, abe ari ko mubishitsa ku vyo mufise. 12#Imig 3:27, 28; Mrk 12:43.Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise. 13Simvuze ntyo kugira ngw abandi boroherwe, namwe ngo mugorwe. 14#2 Kor 9:12.Ariko n’ukugira ngo munganye, ngw ibisāgutse kuri mwebge mur’ iki gihe bimare ubukene bgabo, kandi ngw ibizobasāguka na bo bize bimare ubukene bganyu, munganye. 15#Kuv 16:18.Nk’uko handitswe, ng’Uwegeranije vyinshi asanga nta co asāguye; uwegeranije bike asanga nta co akehaniwe.
Paulo atuma Tito n’abandi ku b’i Korinto
16Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira. 17Kuko yemeye inama yacu, kandi kukw agize umwete mwinshi, aje i wanyu bivuye ku mutima. 18Kandi hamwe n’uwo turungitse na mwene Data ngo bazanane, ishimwe ryiwe ryo ku vy’ ubutumwa bgiza ryamamaye mu mashengero yose. 19#Gal 2:10.Kandi si co gusa, ariko na kare uwo ni we yatoranijwe n’amashengero kwama ajana natwe kubg’ ico gikorwa c’ubuntu, ubgo tugabura ng’ Umwami wacu ashimishwe, kandi ngo twerekane umutima wacu k’ubikunze. 20Kukw ico twirinda ar’ iki, ar’ ic’ umuntu yotugaya kubg’ izi ngabire nyinshi tugabura. 21#Imig 3:4.Tubabaye gukora ivyiza, si mu nyonga z’Umwami wacu gusa, ariko no mu maso y’abantu. 22Kand’ abo tubarungikanye na mwene Data, uwo twagejeje kenshi, akaboneka kw ar’ umunyamwete muri vyinshi, ariko non’ arushiriza kugira umwete, kukw abizigira cane. 23#2 Kor 7:13; 12:18; Rom 16:7.Ivya Tito, ni we dufatanije igikorwa, kandi ni mugenzanje dukorana ivyanyu; kand’ ivya bene Data abo, n’intumwa z’amashengero, kandi n’icubahiro ca Kristo. 24#2 Kor 7:14.Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y’amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kwirata mwebge.
Currently Selected:
2 Ab’i Korinto 8: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967