1
2 Ab’i Korinto 9:8
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kand’ Imana ishobora kubasāzako ubuntu bgose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose, mufise ibibahāgije muri vyose.
Compare
Explore 2 Ab’i Korinto 9:8
2
2 Ab’i Korinto 9:7
Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.
Explore 2 Ab’i Korinto 9:7
3
2 Ab’i Korinto 9:6
Arikw ico mvuga ngiki, ng’ Ūbiba nke, azokwimbura bike, ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.
Explore 2 Ab’i Korinto 9:6
4
2 Ab’i Korinto 9:10-11
Kand’ Īha umubivyi imbuto n’imitsima yo kurya, ni yo izobaha, ibongeranirize imbuto zanyu zo kubiba, kand’ izogwiza imbuto z’ukugororoka kwanyu. Namwe muzotungishwa muri vyose, ngo mugire ubuntu bgose, butuma dushimisha Imana.
Explore 2 Ab’i Korinto 9:10-11
5
2 Ab’i Korinto 9:15
Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa.
Explore 2 Ab’i Korinto 9:15