YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 10

10
Paulo yerekana ubushobozi bgiwe ko buva ku Mana
1 # 1 Kor 2:3; Gal 5:2. Jewe Paulo ubganje ndabinginga kubg’ ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka; 2#1 Kor 4:21.nuko ndabinginga kugira ngo ni twaba kumwe sinze ndinde kububahuka, nk’uko ngabiye kuzokwubahuka bamwe nshize ubgoba, batwiyumvira ko tugenda dukurikira ivy’ akameremere kacu. 3Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, 4#Ef 6:13-17.kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi, 5dushingūra impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomōrere Kristo. 6#2 Kor 2:9.Kandi twiteguye guhana ubutumva bgose, aho mwebge muzogirira ukwumva gushitse.
7Mbega murāba ibibonwa n’amaso? Namba har’ umuntu yizigiye kw ar’ uwa Kristo, yibgire n’ibi, yuk’ ukw ar’uwa Kristo, natwe ari ko turi. 8#2 Kor 12:6; 1 Kor 5:4, 5.Kuk’ ububasha bgacu Umwami wacu yaduhaye kugira ngo tububake, ntitubasambure, naho norushiriza kubgirata, sinzomāramāzwa; 9sinze niyumvirwe nk’ūbateza ubgoba ivyete vyanje. 10Kuko bavuga, bat’ Ivyete vyiwe birahambaye, birasogōta, arikw iy’ ar’ ino, arakēngēretse, kand’ amajambo yiwe nta co amaze. 11#2 Kor 13:2, 10.Ūvuga ibisa birtyo ni yibgire n’ibi, yuk’ uko tumeze ku majambo yo mu vyete atari ho turi, ari ko tumeze no ku vyo dukora ari ho turi. 12#2 Kor 3:1; 5:12.Kuko tutubahuka kwishira mu gitigiri ca bamwe bishimagiza, canke kwigereranya na bo: arikw abo, ko bīrēhēsha ubgabo kandi bīgereranya ubgabo, nta bgenge bagira.
13 # Rom 12:3. Tweho ntituzokwirata ibirenze urugero, ariko tuzokwiyumvira urugero rwacu ko ruhwanye n’urugezo rw’ah’ Imana yatugereye, ngo dushike no kuri mwebge. 14Ntidushingīra ngo turenge urugezo rwacu, nk’abatāshitse kuri mwebge, kuko twāshitse no kuri mwebge koko, tuzanye ubutumwa bgiza bga Kristo. 15#Rom 15:20.Ntitwirata ibirenze urugero, ntitwirata ivy’ abandi bakoze. Ariko twizigiye yuk’ ukwizera kwanyu ni kwakura, tuzoshirwa hejuru kubganyu, ku vyo twagerewe, ngo twāgukirwe, 16#Ivyak 19:21.tuvuge ubutumwa bgiza mu bihugu biri hirya yanyu, kugira ngo twoye kwirata ivyo dusanze bīteguye, ahāgerewe uwundi. 17#Yer 9:23; 1 Kor 1:31.Arik’ uwirata yirate Uhoraho. 18#1 Kor 4:5.Kuk’ uwishimagiza atari we yemerwa, ariko hemerwa uw’ Umwami wacu ashimagiza.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 10: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in