YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 6

6
1 # 2 Kor 1:24; 5:20. Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa: 2kuko yavuze,
iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise,
No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye.
Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.#Yes 49:8; Luk 4:19, 21. 3Kandi ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, kugira ngo kugabura ivy’ Imana kwacu ntikugawe. 4#2 Kor 4:2.Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago, 5#2 Kor 11:23-27.mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso, mu kwirirwa ubusa, 6#1 Tim 4:12.mu kugira umutima utanduye, mu kugira ubgenge, mu kutarambirwa, mu kuba inda nziza, muri Mpwemu Yera, mu rukundo rutar’ uruheyiheyi, 7#1 Kor 2:4.mw ijambo ry’ukuri, mu bushobozi bg’Imana, dufise ibirwanishwa vy’ukugororoka vyo mu kuryo n’ivyo mu kubamfu; 8mu cubahiro no mu gakēngērwe, mu mugayo no mw ishimwe; twiyumvirwa nk’abanyabinyoma, ariko tur’ abanyakuri; 9#2 Kor 4:10; Zab 118:18.twiyumvirwa nk’abatamenyekana, ariko turi ba rurangiranwa; tuboneka nk’abagira bapfe, ariko rāba, turi bazima; tuboneka nk’abahanwa, ariko ntitwicwa; 10#Flp 4:12, 13.tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.
Paulo ahanura ab’i Korinto
11 # Zab 119:32. Akanwa kacu karabasēsekariye, yemwe Bakorinto, umutima wacu urāgutse; 12ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu. 13#1 Kor 4:14.Nuko ndababgira nk’abana banje, namwe ni mwāguke, mwishure nk’uko mwagiriwe.
Ababuza kwifatanya n’abatizera
14 # Ef 5:11. Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite? 15Kandi Kristo ahūriye hehe na Beliyari?#6:15 Beliyari n’irindi zina rya Satani, risobanurwa ng’ Ububi. Cank’ uwizera n’ūtizera basangiye iki? 16Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze,
iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo,
Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.#1 Kor 3:16; Lew 26:12; Ezk 37:27.
17 # Yer 51:45; Ezk 20:34, 41; Yes 52:11; Ivyah 18:4. Nuko muve hagati ya ba bandi,
Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize,
Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe;
Nanje nzobākira,
18 # 2 Sam 7:8; Yes 43:6; Yer 31:9; 32:38; Hos 1:10; Am 4:13. Kandi nzobabera So,
Namwe muzombera abahungu n’abakobga,
Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 6: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in