1
2 Ab’i Korinto 6:14
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite?
Compare
Explore 2 Ab’i Korinto 6:14
2
2 Ab’i Korinto 6:16
Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.
Explore 2 Ab’i Korinto 6:16
3
2 Ab’i Korinto 6:17-18
Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira, Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.
Explore 2 Ab’i Korinto 6:17-18
4
2 Ab’i Korinto 6:15
Kandi Kristo ahūriye hehe na Beliyari? Cank’ uwizera n’ūtizera basangiye iki?
Explore 2 Ab’i Korinto 6:15