YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 7

7
1Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.
Paulo aremeshwa n’ukuza kwa Tito
2 # 2 Kor 12:17; Ivyak 20:33. Muduhe ikibanza mu mitima yanyu; nta we twagiriye nabi, nta we twononye, nta we twagunze. 3#2 Kor 6:11-13.Simbivugiye kubagaya; kuko mmaze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, ngo dupfane kandi ngo tubaneho. 4Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.
5 # Ivyak 20:1, 2. Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba. 6#2 Kor 1:3, 4; 2:13; Zab 113:6; 138:6; Yes 66:2.Arikw Imana ihūmuriza abicisha bugufi yaduhūmurishije ukuza kwa Tito. 7Kandi s’ukuza kwiwe kwonyene, ariko kandi n’uguhūmurizwa yahūmurijwe namwe, n’uko yatwīgāniye inkumbu zanyu mwangiriye, n’amarira yanyu, n’ishaka mwandwanira, ni co catumye ndushiriza kunezerwa. 8#2 Kor 2:4.Naho nabateje umubabaro ca cete canje, sinicuza, naho nari naricujije; kuko mbonye yukw ico cete cabateye umubabaro, naho mwawugize igihe gito gusa; 9noneho ndanezerewe; sinnejerejwe n’uko mwagize umubabaro, ariko n’uk’ uwo mubabaro wabateye kwihana. Kuko mwagize umubabaro mu buryo bg’Imana, kugira ngo ntihagire ico mubura kubgacu. 10#Mat 27:3-5; Heb 12:17.Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu. 11Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bg’Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi urtyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ ivyo. 12Nuko naho nabandikiye, ivyanyandikishije s’ivy’ uwagize nabi, kandi s’ivy’ uwagiriwe nabi, ariko n’ukugira ng’umwete mutugirira werekanirwe hagati yanyu mu nyonga z’Imana. 13Ni co catumye duhūmurizwa.
Kandi mur’ ukwo guhūmurizwa turushiriza guterwa umunezero n’umunezero wa Tito, kuk’ umutima wiwe waruhuwe namwe mwese. 14Namba har’ icanteye ko mbirata mbarātira Tito, ntivyantētereje: ariko nk’uko twababgiye vyose ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu, twarātiye Tito, kwabonetse kw ar’ ukw’ ukuri. 15#2 Kor 2:9.Kand’ umutima wiwe urushiriza kubagirira igishika, uko yibutse ingene mwanyumviye mwese, n’ingene mwamwākiriye mutinya, muhinda agashitsi. 16Nnezerewe yuko mfise umutima uremye kubg’ ivyanyu vyose.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 7: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in