YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 5

5
1 # Yob 4:19; 2 Pet 1:13, 14. Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru. 2#Rom 8:23.Kuko tunihira mur’ uru rusago, twifuza kurwambikirwakw inzu yacu izova mw ijuru, 3namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa. 4#1 Kor 15:53.Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo. 5#2 Kor 1:22; Ef 1:13; Rom 8:16, 23.Kand’ iyaturoranije kubg’ ico nyene n’Imana, iyatugwatirije Mpwemu.
6 # Heb 11:13. Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yukw iyo tur’ i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y’Umwami wacu — 7#1 Kor 13:12.kuko tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona — 8#Flp 1:23.ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu. 9#Zab 39:12.Kandi ni co gituma tugira umwete wo kumunezereza, iyo tur’ i wacu mu mubiri, cank’ iyo tugerereye kure y’umubiri. 10#Ivyak 17:31; Rom 2:16; 14:10.Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.
Urukundo rwa Kristo ni rwo rudukoresha
11 # 2 Kor 4:2. Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu. 12#2 Kor 3:1.Ntitwongera kwishimagiza kuri mwebge, ariko tubaha inyanduruko y’ingene mwokwirata kubgacu, kugira ngo mubone ivyo mwokwishura abirata ivyo ku rukoba, batirata ivyo mu mutima. 13Namba dusaze, dusaze ivy’ Imana; namba dufise ubgenge, ni mwebge dukorera. 14Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye. 15#1 Tim 2:6; Rom 14:7, 8.Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.
Ubugingo busha bgo muri Kristo
16Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo. 17#Rom 8:1, 10; Gal 6:15; Ivyah 21:5; Yes 43:18; 65:17.Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. 18#Rom 5:10.Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo, 19#Rom 3:24, 25; Kol 1:19, 20.ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.
Ubutumwa bg’umwuzuzo
20 # Yes 52:7. Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana. 21#Yoh 8:46; Heb 4:15; Gal 3:13; 1 Kor 1:30; Flp 3:9; 1 Pet 2:22.Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in