YouVersion Logo
Search Icon

2 Ab’i Korinto 12

12
Paulo avuga ivyo yeretswe
1Numva mpambīrwa kwirata, naho bitagira ikimazi. Ariko ngira mvuge ivyo kwerekwa no guhishurirwa n’Umwami wacu. 2Ndazi umuntu wo muri Kristo, yadūganywe akajanwa mw ijuru rya gatatu, ubu hashize imyaka cumi n’ine — namba yari mu mubiri simbizi; canke namb’ atāri mu mubiri simbizi, bizi Imana. 3Kandi nzi yuk’ ūmeze artyo — namba yari mu mubiri, canke namb’ atāri mu mubiri, simbizi, bizi Imana — 4#Luk 23:43; Ivyah 2:7.yadūganywe, akajanwa muri Paradiso, akumva ibitovugwa, ivy’ umuntu atemererwa kuvuga. 5#2 Kor 11:30.Kubg’ umuntu ameze artyo ndirata, ariko kubganje sinokwirata, atar’ intege nke zanje. 6#2 Kor 10:8; 11:16.Kandi nogomvye kwirata sinobaye nd’ igipfu, kuko noba mvuga ukuri. Ariko nsizeho kugira ngo ntihagire ūnyiyumvira ibiruta ivy’ ambonako cank’ ivy’ anyumvako. 7#Yob 2:6.Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabga igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero. 8Kandi kur’ ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo. 9Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko. 10#Flp 4:13.Ni co gituma kubga Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n’imibabaro, no guhīgwa, n’ivyago: kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi.
Ibindi vyirato vya Paulo
11 # 2 Kor 11:5. Mbaye igipfu, ni mwebge mwabinteye, kukw ivyari bikwiye ar’ uko mba narashimagijwe namwe. Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ ubusa. 12#Rom 15:19.N’ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n’ibitangaza n’ibikorwa bikomeye. 13#2 Kor 11:9.Ayandi mashengero yabarushije iki, atar’ uko jewe ubganje ntābabereye ikirusha? Mumparire ico caha!
14 # 2 Kor 13:1. Ehe niteguye kuza i wanyu ubugira gatatu: sinzobabera ikirusha. Kukw atar’ ivyanyu ndondera ariko ni mwebge ubganyu ndondera: kukw abana badakwiye kuziganiriza abavyeyi, arikw abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana. 15#Flp 2:17.Kubganje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bganyu. Mbega ko ndushiriza kubagirira urukundo, non’ urwo nkundwa rugabanuke? 16Ivyo vyo birahaye: ubganje sinabaremereye; ariko, ko naciye mu kandi kenge, nabafatishije ubugunge. 17Mbega mu bo nabatumyeko har’ umuntu natumye kubāka inyungu? 18#2 Kor 8:6, 16-18.Nagishije inama Tito, ndamurungikana na mwene Data wa wundi. Har’ inyungu Tito yabātse? Ntitwagendeye muri Mpwemu umwe? Ntiyageze ikirenge mu canje?
19Uhereye kera mwiyumvira yuko tubiregurako. Imbere y’Imana no muri Kristo ni ho tuvugira. Ariko yemwe abo nkunda, vyose tubivugiye kubakomeza. 20#2 Kor 10:2; 1 Kor 4:6.Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano; 21#2 Kor 2:1; 13:2.kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.

Currently Selected:

2 Ab’i Korinto 12: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in