Kandi nogomvye kwirata sinobaye nd’ igipfu, kuko noba mvuga ukuri. Ariko nsizeho kugira ngo ntihagire ūnyiyumvira ibiruta ivy’ ambonako cank’ ivy’ anyumvako. Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabga igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero.