2 Ab’i Korinto 11
11
Kuba intunwa y’Imana ni kwo kwahaye Paulo ububasha
1Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n’ubgo muranyihanganira. 2#Ef 5:26, 27.Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye. 3#Ita 3:4, 13.Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo. 4#Gal 1:8, 9.Kukw iyo hagize ūza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutābabariye, cank’ iyo mwākiriye iyindi mpwemu mutākiriye, cank’ ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza! 5#2 Kor 12:11; 1 Kor 15:10; Gal 2:6, 9.Kuko nibgira yukw izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya. 6#1 Kor 2:1, 2, 13; Ef 3:4.Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.
7 #
1 Kor 9:12, 18. Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, mbabgiye ubutumwa bgiza bg’Imana ku busa? 8#Flp 4:10, 15.Nasahuye ayandi mashengero ndayāka ingero, kugira ngo nkorere mwebge, 9#2 Kor 12:13.kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda. 10#1 Kor 9:15.Uk’ ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, nta wuzombuza kwirata ntyo mu ntāra zo muri Akaya. 11Ni ku ki? N’uko ntabakunda? Bizi Imana.
12Arikw ivyo nkora nzoshishikara kubikora, kugira ngo mbuze inyanduruko abagomba inyanduruko yo kuboneka nkatwe mu vyo birata. 13#2 Kor 2:17; Flp 3:2.Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo. 14Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco. 15Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka: iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo.
Ivyirato vya Paulo
16 #
2 Kor 12:6. Kandi nongere kubivuga: Ntihagire ūnyiyumvira ko nd’ igipfu. Ariko ni mwaramuka munyiyumviriye murtyo, munyemere nk’igipfu, kugira ngo nanje nirate gatoya. 17Ivyo mvuga simbivuga nk’ijambo ry’Umwami wacu, ariko ndabivuga nk’ūvugishwa n’ubupfu, nizigiye yuko mfise inyanduruko yo kwirata. 18Ko benshi birata ivy’ umubiri, reka nanje nyene ndavyirate. 19Mwihanganira ibipfu munezerewe, kuko mwibereye abanyabgenge. 20Murihangana, iy’ umuntu abagize abaja, iy’ abariye, iy’ abafashe, iyo yishize hejuru, iy’ abakubise urushi. 21Mbivuganye isoni: bisa n’aho tweho twabagizemw’ intege nke.
Amagorwa n’ivyago Paulo yaciyemwo
Arikw ikintu cose gitera umuntu gushira amanga (mbivugishijwe n’ubupfu) nanje kirabintera. 22#Flp 3:5.Mbeg’ abo n’Abaheburayo? Nanje ndi we. N’Abisirayeli? Nanje ndi we. N’uruvyaro rwa Aburahamu? Nanje ndi rwo. 23#1 Kor 15:10.N’abakozi ba Kristo? (Mvuga nk’umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero: kenshi nari mw irinde ry’urupfu. 24#Gus 25:3.Abayuda ibihe bitanu bankubise ibimoko mirongwitatu n’icenda. 25#Ivyak 16:22; 14:19.Ibihe bitatu nakubiswe ingāge; igihe kimwe natewe amabuye; ibihe bitatu ubgato bgarammenekanye, naraye mw idamba nirirwaho; 26nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data; 27#2 Kor 6:5.mu butame no mu bucumukure, ndāra maso kenshi, ngira inzara n’inyota, mmara ubusa kenshi, nicwa n’imbeho, nambara ubusa. 28#Ivyak 20:18-21.Kandi ntarinze kuvuga ibindi, har’ ikinzako uko bukeye, n’umwitwaririko w’amashengero yose. 29#1 Kor 9:22.Ni nde adakomera, nanje simbe ūdakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?
30 #
2 Kor 12:6. Namba nkwiye kwirata, nirata ivy’ intege nke zanje. 31#2 Kor 1:23.Imana y’Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha. 32I Damasiko icēgēra c’umwami Areta carindishije igisagara c’Abanyadamasiko ngo bamfate. 33#Ivyak 9:24, 25.Bancisha mu kadirisha k’uruzitiro rw’amabuye, ndi mu gisāngāza, ndahunga ndamuva mu maboko.
Currently Selected:
2 Ab’i Korinto 11: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967