YouVersion Logo
Search Icon

1 Timoteyo 3

3
Abakuru bo mw ishengero uko bakwiye kumera
1 # Ivyak 20:28. Iri jambo n’iryo kwizerwa: umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza. 2#Tit 1:6, 7.Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha, 3atar’ umunoho wa vino, cank’ umusinzi, arikw abe umugwaneza, atitoraguza, atar’ inkunzi y’amahera, 4#1 Sam 2:12.aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose. 5(Ūtazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?) 6Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko. 7#1 Tim 5:10; 2 Kor 8:21; 1 Kor 5:12, 13.Kand’ akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi.
8 # Flp 1:1; Ivyak 6:3. Kandi n’abakozi b’ishengero na bo nyene, bakwiye kuba inyankamugayo batavuga indimi zibiri, kandi ntibabe abatwawe na vino nyinshi, cank’ abifuza inyungu mbi. 9Ariko bagumye ibanga ry’ukwizera, bafise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi. 10Kand’ abo babanze kugezwa, maze ni batābonekak’ umugayo babone gukora igikorwa c’ibango ryabo. 11#Tit 2:3.N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose. 12Umukozi w’ishengero wese abe umugabo afise umugore umwe gusa, aganza neza abana biwe n’abo mu rugo rwiwe. 13Kukw abākoze neza ico gikorwa c’ibango ryabo bīronkera igishingo ciza n’ubushizi bg’amanga bginshi mu kwizera Kristo Yesu.
Uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana
14Nkwandikiye ivyo, nizigiye ko nzoza i wawe vuba: 15#2 Tim 2:20; Ef 2:19-22.ariko ni naba ngitevye n’ukugira ng’uz’ umenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana, ni yo shengero ry’Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri. 16#Yoh 1:14; 16:10; Rom 1:4; Mrk 16:19.Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.

Currently Selected:

1 Timoteyo 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in