1 Timoteyo 4
4
Ivy’ abigisha b’ibinyoma
1 #
2 Tim 3:1; 2 Pet 3:3; Yud 1:18; 1 Yoh 2:18. Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni, 2bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi, 3#Ita 9:3; 1 Kor 10:30, 31.baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima. 4#Ita 1:31; Ivyak 10:15.Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima: 5kuko kiba gihezagiwe n’ijambo ry’Imana no gusenga.
6Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye. 7#1 Tim 1:4; 6:20; 2 Tim 2:16, 23; Tit 1:14; 3:9.Arikw imigani ihumanya n’iy’ abakecuru ntuyemere. Wimenyereze kwubaha Imana; 8#1 Tim 6:6.kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza. 9#1 Tim 1:15.Iryo jambo n’iryo kwizerwa rikwiye kwemerwa rwose. 10#1 Tim 2:3, 4.Kukw igituma dutama tukāma mu ntambara ar’ uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w’abantu bose, cane‐cane w’abizera.
Uko Timoteyo akwiye kuba akarorero
11Wame ubgiriza ivyo kand’ uvyigisha. 12#Tit 2:15.Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye. 13Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanūra no kubigisha. 14#1 Tim 5:22; 2 Tim 1:6; Ivyak 6:6; 8:17.Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru. 15Ivyo ubishirek’ umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose. 16#Rom 11:14.Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.
Currently Selected:
1 Timoteyo 4: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967