1 Timoteyo 2
2
Ukw abantu bakwiye gusenga
1 #
Flp 4:6. Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanūra kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana: 2kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose. 3#1 Tim 1:1; 4:10.Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu, 4#Ezk 18:23; 2 Pet 3:9.igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ ukuri. 5#Rom 3:29, 30; Heb 12:24.Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu, 6#Gal 1:4; 2:20; Tit 2:14.yitanze kw incungu ya bose. Kand’ ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo, 7#2 Tim 1:11; Gal 2:7, 8.ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.
8Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri. 9#1 Pet 3:3-5.Kandi n’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’ izahabu, cank’ imaragarita,#2:9 imaragarita: rāba Mat 7:6. cank’ impuzu z’igiciro kinini, 10#1 Tim 5:10.ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana. 11#Ef 5:22.Umugore yige atekereje agamburuka rwose. 12#1 Kor 14:34; Ita 3:16.Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw aganza umugabo, arikw atekereze. 13#Ita 1:27; 2:7, 22; 1 Kor 11:8, 9.Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva. 14#Ita 3:6; 2 Kor 11:3.Kandi Adamu si we yahenzwe, arik’ umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro. 15Yamar’ azokizwa kubg’ ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba.
Currently Selected:
1 Timoteyo 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967